IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONELOP yasavye Reta kugarukana Abasirikare b’Abarundi barungitswe muri (...)

ONELOP yasavye Reta kugarukana Abasirikare b’Abarundi barungitswe muri Somaliya

jeudi 15 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ONELOP-Burundi rirahakana ibivugwa ko agateka ka zina muntu katubahirijwe mu Burundi. Kubw’iryo shirahamwe, kuba Uburundi bwaratunganije amatora mu mwaka w’2015 vyerekana ko agateka ka zina muntu kifashe neza, kuko amatora n’agateka ka zina muntu ari ibintu bidatandukana, co kimwe n’intwaro y’imigambwe myinshi hamwe n’ubutungane bwigenga.

Mu ruganda iryo shirahamwe ryateguye, Gilbert NJANGWA Bécaud, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ONELOP-Burundi, yamenyesheje ko Uburundi butoshobora guhonyanga agateka ka zina muntu, ahubwo akavuga ko ico gihugu kitahengeshanije kuvunira akagohe ababikora.

JPEG - 46.7 ko
Gilbert NJANGWA Bécaud, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ONELOP-Burundi

Ku bwiwe, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ubumwe bwa Buraya hamwe n’ubumwe bwa Afrika nibo batubahirije agateka ka zina muntu, kuko batariko barahemba ku gihe abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya. Asaba ayo mashirahamwe kwisubirako, yubahirize amasezerano yateweko umukono y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Mu gihe abo barisirikare batoronswa iyo mishahara, umukuru w’ishirahamwe ONELOP yasavye Reta y’Uburundi kuzoca ikura abasirikare bayo muri Somaliya.


IGIHE

Messages

  • Uratukanye wa mugabo we! Ngo ONU ,ubumwe bwa Buraya n,ubw,Afrika nibo batubahiriza agateka ka zina muntu!Ntavyo bazi rero kubwawe? Yooooh, Mana!Ego , nuwunishe aba avuze!

  • Imana iguhezagire mutama nabomurikumwe mwiryoshirahamwe ONELOP.
    MUVYUKURI URAVUZE IKINTU CINKORAMUTIMA NAKOSIKIMWE NIVYISHI, ARIKO NUWOBA ATAZI UKO AGATEKAKAZINAMUNTU GAHUNGABANWA WOYOBERWA KUVUGA KO UBURAYA BUHERUKA GUHUNGABANYA AGATEKA KABASIRIKARE BUBURUNDI BAGIYE KUGARUKANA AMAHORO MUKUBAKURA MUBANDI BAKANKA KUBAHA IVYOBAGENEWE?
    WONANIRWA KUBONA KOBAHUNGABANIJE AGATEKA KUBURUNDI MUGUSHAKA KO BUTOKORA AMATORA BUKIMWA UBUFASHA BUKANAGIRAKO BUGATEZWA ABABUHUNGABANYA BASHIGIKIWE NUBWO BULAYA NIBINDI BITEYE ISONI VYAKOZWE NUBWO BULAYA BIBONEKANEZA KOBIHUNGABANYA AKATEKA KAZINAMUNTU CANKE VYAHUNGABANIJE AGATEKA KABARUNDI.

  • hhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhhh reka ntwenge basha gusara numwete njwangwa we nibaguhe wirure inzara nimbi

  • Ndabira nkuyu vraiment ngo u Burundi bukure Ingabo muri Somaliya!none hahomba nde?Union Africaine canke u Burundi?mubandanye mudedembe

  • Kweri urinjwangwa kabisa, izina niryo muntu, abavyeyi bawe barikwise babonye kwatajambo uzigera ubana!, wamugeserawe rwagateka muburundi ngo karubahirijwe! sha ntawokushavurira nikusa. Nisura yawe irakuranga yuko wanyoye amaraso meshi yabarundi, ayo mahera nayo uvuga, kuburayi budatanga hamwe na ONU, gendubahembe ayaso, ahubwo iyo bayazibira yose mugatangura kwiharako mwabamenjamwe.

  • NTIBITANGAJE ICHIYADUKIZI NKICHO,NUKURI BIRABABAJE KUBONA AMASHURI WIZE AFIRIYE GUSA KUBERA INDA YAWE.RETA YA NKURU IKUNDA ABASAZI NKUYO MUPFA MUTIMA NUKO UBURUNDI BUMAZE KUGWA MWISANGANYA KUBERA GUTWARWA NABI.EWEEEEE NKURU NUKURI IMANA IZOKWISHURA URABONA ICHOKIGABO INGENE GITUMUTWE KIKABESHA ATANISONI.

  • @AliDI, wewe abowemera kobize nibarya baririmvye ngo mu Burundi bagiyekuba ihonyabwoko?
    Mwarabaye ibipfu murarenza nukuri!
    Jewe uyumbona arimuribeshi basanzwe aribihangange kugihugu cacu cu Burundi.

  • nibaze bagarukane umutekano muhira iwacu mu burundi

  • mbe nkubu ugo rudebire ruriko ruvugiki?iyo kibuze ico kivuga nikirye irya kihore kireke kwinjira muvya gisirikare birafise ababijejwe.ngo babakure muri mission!hama ayo bakore uzoca uyabahemba!?

  • Kuba Niryo Uri Umugabo!Kubera Inda!Tekana Ejo Burakeye

  • Komera Iman Ibahezagir Abarundi Bumutima Dushak Amahor Abavuga Bazokwaduk Bata Umutwe Iman Niyo Nkuru

  • nzangwa vrm ararenvye

  • nzangwa vrm ararenvye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.