IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yemeje ishirwaho ry’umurwi mpuzamakungu w’amatohoza ku Burundi

ONU yemeje ishirwaho ry’umurwi mpuzamakungu w’amatohoza ku Burundi

samedi 1er Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yemeje kuri uwu wa gatanu ingingo ishiraho umurwi w’amatohoza ku Burundi. Uwo murwi ufise ikiringo c’umwaka umwe kugira uzobe washize ahabona icegeranyo c’ivyo washitseko, mu kwerekana abakora ubugizi bwa nabi mu Burundi, hamwe n’ugushikiriza ivyokorwa kugira abazoba bagirijwe babibazwe.

Iyo ngingo (Résolution) ya ONU yari yashikirijwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya yemejwe n’ibihugu 19, ibihugu indwi birayanka, nayo ibihugu bigera kuri 21 birwiriyemwo ivyo muri Afrika, bishima kutagira ico biyivuzeko.

Ishirahamwe mpuzamakungu Human Rights Watch, riharanira agateka ka zina muntu, ryamaze kumenyesha ko ryashimishijwe n’iyo ngingo yafatiwe Uburundi, muri Human Right Watch bakavuga ko ari intambwe ikomeye itewe, mu kurwanya ukudahana ivyaha bikomeye vyakozwe mu Burundi. Iryo shirahamwe rimenyesha ko Uburundi butegerezwa kwemera gukorana n’uwo murwi w’amatohoza, kuko busanzwe buri mu nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu.

Mu kiringo c’umwaka wahawe, uwo murwi mpuzamakungu w’amatohoza uzoshikiriza icegeranyo mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, werekane abaigirizwa amabi n’ubugizi bwa nabi bukorwa mu Burundi, wongere ushikirize ivyokorwa kugira abavyagirizwa babibazwe.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi. Ico cegeranyo kivuga ko amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016 yatumye abantu bagera ku 564 bicwa, abo bahinga bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.


IGIHE

Messages

  • arikogayemwe aba bazungu bomuri ONU bashakiki kubarundi? abo sabahinga ahumbwo nabatavuga rumwe nareta yuburundi kuko ivyobazoshikiriza birateguye birabitse mumamashiyabo bazobabaje kwitemberera gusa nukudoriya ntabindi

  • Erega ivya CNDD FDD vyaramenyekanye,jewe inama nogira Nkurunziza ni asabe imbabazi Abarundi na Kagame ni aho ubundi araja muri Court pénale internationale

  • ivyo vyarivyiza, ariko nfinse amakenga ko oni izohengama kuko kenshi igenda ibonekako umenga irimukwaha kwuruhande rumwe

  • Eye cndd-fdd urabe maso kuko ibintu bigiye gushuha.kuva uburundi bwikukira ntamatohoza yaribwabe.mbega bazohera ryari kubwicanyi bwatanguye kuva uburundi bwiheze ngoburikukiye.Muratubariza ibituma

  • Pourquoi cet acharnement de l’UE sur le Burundi? Je pense que c’est tout simplement une façon de vouloir accélérer les choses afin de réaliser leur plan de renversement du gouvernement burundais. Les premiers plans ayant échoués(manifestations violentes, coup d’ État,assassinats ciblés ciblés......), ils veulent passer au plan B, celui de salir les autorités burundaises en les présentant devant l’opinion nationale et internationale comme des monstres àabattre., ce qui leur permettra de justifier leur intervention pour renverser le régime burundais. Voilàla face cachée de cette soi disant commission de droit l’homme initiée par l’UE et votée en l’absence du consensus. Wallah...!!! Au nom du Dieu Tout puissant, ce plan sera aussi voué àl’échec....!!!!

  • UBURUNDI SISILIYA.CANKE RIBIYA CANKE IRAQ TUZOBEREKAKO UBURUNDI BWIKUKIYE KANDIKO BUFIS ABAGENZI NINGABO ZIYEMERA NAYO TWIMUJERI TURIKO TUVUGAYAMUHENGO BUCABUFATIG IHUGU MUMENYEKO INKONITARUZA MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA IMANA YOMWIJURU NIYO #CABONA

  • Pourquoi cet acharnement de l’UE sur le Burundi? Je pense que c’est tout simplement une façon de vouloir accélérer les choses afin de réaliser leur plan de renversement du gouvernement burundais. Les premiers plans ayant échoués(manifestations violentes, coup d’ État,assassinats ciblés ciblés......), ils veulent passer au plan B, celui de salir les autorités burundaises en les présentant devant l’opinion nationale et internationale comme des monstres àabattre., ce qui leur permettra de justifier leur intervention pour renverser le régime burundais. Voilàla face cachée de cette soi disant commission de droit l’homme initiée par l’UE et votée en l’absence du consensus. Wallah...!!! Au nom du Dieu Tout puissant, ce plan sera aussi voué àl’échec....!!!!

  • ivyo ndavyanze mukiringo c’umwaka cose. uko ni ukujijisha. abo baragira bibonere ama missions n’ibiturire mvamakungu gusa. ubundi baduze ama etage iwabo. ubuse muri Syria ibiriyo bizobazwa nde.

  • NIBAZEKO AGATIGATERETSWE,NIMANA KADAHENURWANUMUYAGA NUBWO ISIYOSE’YOKWANKA UHORAHO,AREMBEREYAWE’NTACOBOSHIKAKO.MUBURUNDIHAMANA,NDABARAHIYE IYOMWIJURUNIYOCABONA

  • umutwe notoza onu nifatekanogahugu kagumagateza akaguma igacemwo( 3) igicekimwe bagihe ugwanda ikindi tanzania ikindi congo nonehako koteza umutekano mukemukare kose nakarekarigato mwumvagute? arikontawuzi konivyobihugu vyokwemera kwakira abarundi binjavyi!!

  • Abarundi na Leta y’uburundi iragabe ntize yemere ko abo ba Expert ba ONU bakora kuko bazoba baje gukora akajagari mu Burundi ntakindi kintu kizoba kibazanye atari kwica no gukora ibitashobotse kugire bahenuye gouvernement ya CNDD-FDD.
    Barundi muraba maso abo biyita CNARED ni kubatesha iyo nda ndede izoba ibazanye

  • Ntiruzigera twemera komugira uburundi nka Libiya kuko amayeriyose mwakoresheje mukutwaka igihugu carigikomeye muri Africa nka Libiya ntiturayibagira.
    Umvandababwire ahotwabahinyuriye kuberiki uwomugambi wazanwe ugashigikirwa numwasiwambere wu Burundi ubulaya?
    2 kuberiki uburundi bwatangaje amazina yabagerageje gukubita kudeta ko iyobaribofatwa bagashikiriza ubutungane bwu Burundi canke ubutungane ubwaribwobwose ko ONU ico uburundi yavuze itigeze icicarira ngogishirwemungiro? ONU ntiyakomeje kwumva ahubwo abo uburundi bwavuze jibaribakwiye gushikirizwa ubutungane birirwana naprezida wu Rwanda begeranya imouzi zabarundi zahungiye mu Rwanda zigaruka Burundi zambaye ibirwanisho ivyovyose ONU kitigeze ibiha agaciro !? Twarabahinyuye ntimuronderera ineza abarundi kuko murabinekako mwishakira gushira uburundi ahomwashize Libiya. Turaserero kandi ukurikwacu muzorinda, cankemwitege warld war 3 kandibimenyetso vyayo biraboneka canecane mukomeje gukora kumbarutso (uburundi)

  • Nibareke kudusamaza tuje kukivi dukore i gitega umwugwa mu kuru wa politike abo bo muri ONU bazosanga twateye imbere muri vyose uko batatuziga bazodutangarira.ONU nishireho nyabuna umugwi utohoza amabi yakozwe nabatunganije imyiyerekano.

  • Ihonyabwo Rirashora Kuba Mu Burundi Abarundi Batiyamirije Nkurunziza

  • ahubwo onu inama zayo ntaco zimaze itegereje gutabara abanyagihuguhu bamaze gushira nireke kuvuga ivyo idashira mungiro

  • Uwitwa Bivi, aramenye ibanga ryabanwe babuga ngobarwana baharanira kuburundi bobubohora ngwaruko bakuyeho Nkurunziza na DD nabakunzibabo! Ngico icobaharanira Vivi arakivuze ngo nugufuta uburundi kwi carita Y’ISI!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • barundi barundikazi ncuti z uburundi, twiyamirize twivuye inyuma akokagaye ka ONU, isigaye igira mukwaha kwabashatse gutembagaza inzego zigihugu,mbe ayomatohoza aje ubu guhra 1972 gushika kuntwaro zabuyoya agandagura abantu akavanga na bazingu kwatayakozwe, no vuga nukubamaso BATAMA BACU IBIBINTU HARIVYINYEGEJEMWO,

  • abobanyamahanga badushakirakabi.nibaturekentadenitubafitiye.

  • bashaka baragire uko bashaka abarundi ndabizeye. baciye muri vyinshi kiretse onu ihereye kumunyagihugu nyarucari igahanagura. umurundi kugira. asubire. mubuja. nkubwo twamazemwo igihe yemwe ntaco mvuze amahor nkayo bahaye libie. na. irac mbega. ndadaye nabafasha. biwe ba dorof kararuza n.abandi. coudet imyigaragamvyo vyarungitswe n.abo nyene bicisha hirya nohino eeeeeee!!!!kugira baronke urwitwazo nko muri ribie. iprona yarwanijwe. n.abanyagihugu batobato i

  • twebwabarundi n abarundikazidukund igihuguc uburundi duhagurukirerimwetwiyamiriz abobanyamahanga bashakakuducanishamwo.

  • abarund ubuturamazeguter intambwe nibatureketwiyubakir inyubakwarusangi. ubuturikoturiyubakir amasoko, amashuremato namakuru ibitarobito nabikuru, amabarabara, ibirovy intara ivya commune ivwazone ivy imitumba amashengero n ibindi.nonerero nibagumyivyabo hanyumanatwebatureketwibandanirize ibikorwavy iterambere. arikojeweharikintukimwekintangazja. bateguye coupd etat irabapfana. bateguy imigumuko vyaranse ubunahorerongo bazaningabomvamakungu nabahingamvamakungu? emwe! twarabony ivyabayemurwanda .ntidushakakonatwebidushikira.noneh imana irabon igihugucacu ntacokizoba.

  • Iyongingo yafaswe na ONU irashimishije cane ngose,hasigaye kobashira mungiro icobumvikanye kumatohoza bokora ku Burundi. nayabo birirwa barasara mumabarabara ngo bariko bariyamiriza iyo ngingo nugutumutwe cane gose, igitangaje kandi, kubona uwiyitirira ngo numushikiranganji wa gateka kamuntu, hano muburundi, ivyo yashikirije birateyiso cane.jewe nabonye kwatakiri umushikiranganji wagateka kamuntu, asigaye arumushikiranganji woguhohotera agateka kamuntu.Turavye inganda zirirwa ziratikira hano mu Burundi bwacu, akavuga kurya yavuze nukuri, nasanze arumwicanyi karuhariwe kabisa, nuwoguharanira indayiwe peeeeeeeeeeee.

  • Ahubwo iyo bahera kubatunganije imyiyerekano!

  • nivyonukuriturashimye.ivyuwomuryangowakoze.uyumugaboyigirurangiranwarekaturabeko atemera.ibiganirobabeshamakungungumutekanoniwosibarabesha.abantubamazegupfanomuntambarantabapfuyebanganuku.

  • oyaaaa umwaka nimure mure imbonesi zibandanya kwica abantu ONU ayo matohoza adahera ntacazotumarira ayo batohoje arakwiye ahubwo nibafate ingingo vuba vuba

  • Jewe mbona bidakenewe kurinda kurungika uwomurwi iburundi! Kuko ntamuntunumwe atazi abatunganije iryamigumuko, uwo atokorera kuribarya batunganije imigumuko abarundi muramwiyamiriza kuko nawe azobarumwansi wanyu. Tugire Amahoro numugambwe wanje wabadasigana UPRONA

  • Uwomugwi Ntanakimwe Ahubwo Ukore Udahengeshanya Mugabo Umwaka Ni Munini Nk’amezi Atanu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.