IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OTRACO : Amafaranga yo gusuzumisha ubuhinga bw’imiduga yadugijwe

OTRACO : Amafaranga yo gusuzumisha ubuhinga bw’imiduga yadugijwe

lundi 21 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe na OTRACO, ayo mahera yadugijwe uku gukurikira. Imodoka (voiture, Jeep hamwe na camionnette) zizotangishwa amafaranga ibihumbi 50.

Imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" ikazotangishwa amafaranga ibihumbi 35, ikamyo ipima hagati y’itoni 3 na 15 ikazotangishwa ibihumbi 70, mu gihe iyirenza itoni 15 izotangishwa ibihumbi 100.

Ipikipiki ikazotangishwa ibihumbi 10 mu gusuzumisha ubuhinga.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko iryo tegeko rizotangura kuja mu ngiro kuva kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2017, ayo mafaranga akazorihirwa mw’ibanki Bancobu kuri konte 03421120101-51.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Imodokari ntoya rero izotanga 70000 FBu.
    Azokora iki? Ayandi yoyo atangw iki? Ko ata service nimwe batugirira.
    Ayo bazogabangana, azoherera mu mifuko y abantu. mbega IGE ikora iki? bemereye iki les usagers?

  • Turagowe none abarundi barakenyeye tugurishe n’izo twambaye ngo dutunge Leta ? Ewe Mana dusenga niwe hasigaye ko ugira ico udukoreye kuko Abarundi bararemerejwe Pe ! Abo ba DD bikuye kumakungu yose ngo bari n’ivyo bazomarira abarundi ntakindi atari kuzoturya tugaherengetera. Emama Ngo carabavunye ntibibuke ko kurambira kubutegetsi hajamwo n’ubwenge ivy’inguvu vyo ntabutegetsi nabumwe buba budafise urwaruka, rubushimagiza, inkoho, agasho, inembo, pick up, blindé, n’ibindi... None ko bwagiye buhindagurika ????? Uwanditse iyo nkuru niyandike ayahora atangwa babone neza incuro bayadugije moins de 8000 Fbu none abaye 50.000 ushizeko 20000 uriha muri OBR azoba 70 mill. Abapfa n’inzara baracapfuye mwishwanje.DD temba harageze niba hatarengeranye...

  • Mwigana u Rwanda mugabo bikabata k’uwamazi,mwahereye kera mwigana Umuganda ,Contrôle technique n’ibindi vyinshi

  • Ikibabaje nuko mu Burundi bavuga ngo hariho Inama nshinga mateka!!!!!!!!
    REGIDESO baduza bashize muri $ gutyo ntibirirwe barasigura uko vyaduze 0.20$= 340Fbu, ivyo bimenywa n’uwize, Permis de conduire hatangwa 100milles mu mategeko mwomenya ari angahe?? ntakiri 50milles!!!,
    uno munsi controle technique ivuye kuri 20milles igiye kuri 70000Fbu. bashingamateka, ntaco izo modoka na electricite bikoresha abatunzi, ariko na wewe ejo, uzoshika muri abo batunzi, kandi uja kwa muganga agenda n’umuduga, ushoye ibintu agenda n’umuduga. murahindura mwitwe ba "Munde bihite"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.