IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RSF isaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA

RSF isaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA

samedi 20 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Igendereza rya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ryagiriza umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA ko yinjiye ku butaka bw’ico gihugu atabanje kubisabira uruhusha.

Mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagire imbibe basaba ko uwo mumenyeshamakuru yorekurwa, kuko namba atemerewe kwinjira aho muri Congo, igisigaye n’uko yorekurwa agataha mu gihugu ciwe.

Iminsi itatu niyo iheze umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA apfungiwe i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira abwiye umuryango wiwe ko agiye ku kazi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho yari agiye kuvugana n’impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Lusenda.

Umuryango w’uwo mumenyeshamakuru uvuga ko waherutse kuvugana nawe akiri ku rubibe Uburundi buhana na Congo, ababwira ko agira yinjire ku butaka bw’ico gihugu. Kuva aho ntibasubiriye kuvugana.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, niho yashoboye kuvugana n’umuryango wiwe, ababwira ko yafashwe n’igendereza rya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akaba apfungiwe i Uvira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.