IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > RUMONGE: 12 bahagaritswe bagirizwa kwimba ubutare badakurikije (...)

RUMONGE: 12 bahagaritswe bagirizwa kwimba ubutare badakurikije amategeko

jeudi 26 Nzero 2017

Abimba ubutare badakurikije amategeko barahagaritswe kuwa kabiri igenekerezo rya 24 Nzero umwaka wa 2017 ,i Burambi ,mu ntara ya Rumonge.

Abo bahagaritswe n’igipolisi mu ntara ya Rumonge,bose hamwe ni 12 bava mu ntara za Cibitoke na Bubanza.Bahagarikiwe muri zone Maramya iri mu ntara ya Rumonge.

Abajejwe umutekano bari kumwe n’abajejwe gukingira ibidukikije muri ako karere,bamenyesha ko bahagaritswe kuko bariko bonona ibidukikije kandi bakabikora ata burengazira babifitiye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.