IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Reta y’Uburundi iriteguye gufasha mu gikorwa co gutahukana impunzi’’-BARANDAGIYE

’’Reta y’Uburundi iriteguye gufasha mu gikorwa co gutahukana impunzi’’-BARANDAGIYE

mardi 21 novembre 2017

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko mu barundi bamaze kwiyandikisha kugira bahunguke, abashika imihumbi 26 baba mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE avuga ko mu gihe vyoboneka ko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rifise ikibazo co kubunguruza, Reta y’Uburundi izotanga ibisabwa kugira batahukanwe.

Vyitezwe ko igikorwa c’ugutahukana impunzi z’Abarundi kizoba gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abarundi barenga ibihumbi 12 bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya akaba aribo bitezwe.

JPEG - 34.2 ko
Pascal BARANDAGIYE,Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu

Mu rugendo aheruka kugira mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yasavye abarundi bakiri mu buhungiro gutahuka kugira bafashanye n’abandi kwubaka igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.