Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Reta y’Uburundi iriteguye gufasha mu gikorwa co gutahukana impunzi’’-BARANDAGIYE
’’Reta y’Uburundi iriteguye gufasha mu gikorwa co gutahukana impunzi’’-BARANDAGIYE
mardi 21 novembre 2017
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko mu barundi bamaze kwiyandikisha kugira bahunguke, abashika imihumbi 26 baba mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE avuga ko mu gihe vyoboneka ko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rifise ikibazo co kubunguruza, Reta y’Uburundi izotanga ibisabwa kugira batahukanwe.
Vyitezwe ko igikorwa c’ugutahukana impunzi z’Abarundi kizoba gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, abarundi barenga ibihumbi 12 bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya akaba aribo bitezwe.
- Pascal BARANDAGIYE,Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu
Mu rugendo aheruka kugira mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yasavye abarundi bakiri mu buhungiro gutahuka kugira bafashanye n’abandi kwubaka igihugu.
MUGISHA Van Naris