IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Reta y’u Burundi iritwararitse kuronsa ubuhinga bwa none amaradiyo (...)

Reta y’u Burundi iritwararitse kuronsa ubuhinga bwa none amaradiyo n’amateleviziyo y’igihugu

samedi 17 Munyonyo 2012

Reta y’Uburundi irarajwe ishinga no guteza imbere ubuhinga bwa none, amaradiyo n’amateleviziyo ya Reta, ivyo ikaba yavyerekaniye mu kwemeza politike y’igihugu ihariwe guteza imbere igisata co kumenyesha amakuru muri mukakaro 2011 hamwe no gutegura politike y’igihugu yo gutumatumanako yimirije kwemezwa n’inzego zibijejwe.

Ivyo vyamenyeshejwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Thérence Sinunguruza ku wa 6 Munyonyo 2012 ariko aratanguza inama yo kwihweza ivyerekeye kuva mu buhinga bwahora bukoreshwa mu maradiyo n’amateleviziyo bita “Analogique” bakoreshe ubuhinga bushasha bise “numérique”.

Yarongeye amenyesha ko ivyo vyose biri mu migambi ya Reta nk’umugambi murikiraburundi 2025 hamwe n’umugambi wo guteza imbere ubutunzi no kurwanya ubukene ugira kabiri CSLPII yemereye gufatwa mu mugongo n’abasanzwe bafasha Uburundi mu nama y’i Génève.

Muri politike y’igisata co kumenyesha amakuru naho Reta ngo yariteguye mu gutunganya ukundi gusha ibimenyeshamakuru vy’igihugu no gutsimbataza inzego zigenzura ivyo kumenyesha amakuru no gutumatumanako no gutegura amategeko agenga ivyo bisata. Bisubiye Reta ngo yaramaze kuronka imfashanyo y’Ibanki y’isi yose igice ca mbere c’iyo mfashanyo kikaba kiriko gifasha mu gutunganya ivyigwa vyo kuva mu buhinga bukoreshwa n’amaradiyo n’amateleviziyo muri kino gihe kugira bikoreshe ubuhinga buzoba bukoreshwa na bose mu mwaka w’2015.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivyo gutumatumanako amakuru UIT naryo ngo riherutse kwemera gufasha Reta muri uwo mugambi. yaboneyeho n’akaryo ko gusaba n’abandi gushigikira muri uwo mugambi.Uwaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ururimi rw’igifaransa nawe Pierre Barrot yamenyesheje ko icipfuzo c’iryo shirahamwe ari ugukingira imico n’ururimi hamwe n’ivyo vyose biranga amakungu yose kandi asangiye.

Ineza y’ubuhinga bwa “numérique” nayo ngo ni ugutsimbataza imico kama no kwunganira uwo wese ashaka kumenyekana mu makungu. Amenyesha kandi ko ubwo buhinga buzotuma hakorwa imigambi myinshi mu bijanye no kumenyesha amakuru hakoreshejwe amaradiyo n’amateleviziyo. Aho ni nko kurwiza ibiganiro no kubishikiriza vyoroshe no kurwiza abayumviriza biciye mu buhinga ngurukanabumenyi, amatelefone ngendanwa.

Mu misi iri imbere hoho zikazoba zikorana n’amateleviziyo gutyo abaraba amakuru ku mboneshakure biyongere mu gihe abafise amatelefone ngendanwa mu Burundi bavuye ku 15.000 bakaja ku 1.200.000 mu myaka 20.

Abantu bazoraba televiziyo bazokwiyongera kuri urwo rugero ni hatangura gukoreshwa ubwo buhinga mu gihe yarabwa n’imiryango iri ku rushi muri kino gihe.Naho biri uko ngo amateleviziyo yo mu bihugu bitobito kandi bivuga indimi kavukire arahakwa kumirwa n’amateleviziyo y’ibihugu biteye imbere kandi ururimi rwabo ruvugwa na benshi. Ariko rero ngo n’ivyo bihugu birashobora gutangaza ivyo bihugu bikomeye nk’Ubushinwa n’ibihugu bivuga icongereza.

Ubwo buhinga kandi buzotuma abana kuko bobo baganira n’abandi bana bo kw’isi yose kandi ntibazoba baraba televiziyo zimwe canke ibiganiro bimwe. Ubwo buhinga kandi buzotuma amaradiyo n’amateleviziyo yo mu bihugu bikenye adashikiriza amakuru n’ibiganiro vyo mu bihugu bitunze gusa n’aho ivyo kugira bihere bizotwara igihe ariko ngo bazoshobora guha ibiganiro n’amakuru ibinyamakuru vyo muri ivyo bihugu.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.