IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi isaba CNC guhagurukira ibimenyeshamakuru bitisunga (...)

Reta y’Uburundi isaba CNC guhagurukira ibimenyeshamakuru bitisunga akarangamutima k’umwuga

mardi 1er mai 2018

Mw’itangazo reta y’Uburundi yashize ahabona kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018 ,ibicishije k’umuvigizi akaba n’umunyamabanaga wayo Philippe NZOBONARIBA,imenyeshako iradiyo BBC imaze iminsi idakurikiza akarangamutima ko kumenyesha amakuru,mu guhengamira ku vyiyumviro vyo hagati mu gihugu canke bitangwa n’abari hanze y’igihugu biba bigamije kudurumbanya amahoro n’umutekano w’igihugu.

Philippe NZOBONARIBA amenyesha ko, umumenyeshamakuru wa BBC François Masser wa BBC yahaye ijambo uwukwirikiranwa n’umutahe mpuzamakungu aca ashikiriza amajambo ahamagarira urwanko no gusambura inzego, vyerekana ko badakurikiza akarangamutima ko kumenyesha amakuru.

Uwo muvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa Reta, avuga ko abantu bakwiye kwibuka uruhara ibimenyeshamakuru vyakoze mu kubiba urwanko muri kano karere kandi n’igihugu c’Uburundi cahatswe kurwa mur’uwo mutego mu mwaka wa 2015.

Philippe NZOBONARIBA avuga ko Reta y’Uburundi izobandanya ikora ibishoboka kugira ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bibandanya vyubahirizwa, haba kubakorera ibimenyeshamakuru vyaha mu gihugu n’ibinyamakuru vyo hanze y’igihugu kandi ko izofata ingingo kubimenyeshamakuru vyose vyokoresha imvugo ihamagarira urwanko.

Reta y’Uburundi ihamagarira abarundi bose gutekana hamwe no kuzokwitaba ku bwinshi amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • reta yuburundi nikorivyayo nabanyagihugu bayo bbc nayo nirabwe nabongereza none mugomba mugabisi yose ekadata nimukatibiringo vyogutwara twebwintama zanyu muga ntimudukwegerumuriro ngobaduturire kubera mwebwe

  • nivyo ibimenyeshamakuru canke amaradio yoose kwisi akorera hose mugihugu nuko aruko bagiraniye amasezerano yukuntu bagomba gukorana mugushikiriza amakuru atakurenga imipaka, mugihe rero umwe murabo ataye canke arenze kurayomasezerano ntankeka ingingo zirafatwa hisunzwe amategeko namasezerano, amaradio canke ibimenyesha makuru nivyo bigombwa kuja hasi yamategeko yigihugu atari igihugu kija hasi yamategeko yamaradio canke ibimenyeshamakuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.