IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Martin NIVYABANDI : "Abo bahinga bazoba baje gukora iki?"

Martin NIVYABANDI : "Abo bahinga bazoba baje gukora iki?"

vendredi 25 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko itarota ikorana n’umugwi w’abahinga ba ONU uheruka gushirwaho n’inama y’agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kugira uze mu Burundi gukora amatohoza ku bugizi bwa nabi bwakozwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Nk’uko vyashikirijwe na Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga nta gishasha bazozana, kuko baje bakurikira abandi bahinga bagize icegeranyo co kwagiriza Reta y’Uburundi, ariko banka gushira muri ico cegeranyo ivyo inzego z’igihugu zababwiye. Reta y’Uburundi ikamenyesha ko itarabwa n’ibizova muri ayo matohoza y’abo bahinga bandi ba ONU bagiye kurungikwa mu Burundi.

Umushikiranganji NIVYABANDI yagize ati : "Turavuga twebwe ko tudashobora kubijamwo. Ntidukeneye abandi bahinga baza gutohoza. Boba baje gukora iki? Ibikorwa bazokora bizoba bibaraba bitaraba leta y’Uburundi."

JPEG - 46.8 ko
Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu yashizeho umurwi w’abantu batatu bagiye gukora amatohoza ku Burundi. Uwo murwi uzotohoza kandi ushikirize amazina y’abagirizwa ubugizi bwa nabi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bikorwa mu Burundi.

Abagize uwo murwi bazobonana n’abategetsi batanduka nye b’Uburundi hamwe n’abegwa bose na poritike y’Uburundi, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, impunzi z’abarundi ziri mu makambi atandukanye, hamwe n’ubuserukizi bw’ubumwe bwa Afrika mu Burundi.

Uwo murwi uzoshikiriza icegeranyo ca mbere c’ivyo washitseko mu nama ya 34 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU izoba mu kwezi kwa Ntwarante 2016, icegeranyo ca nyuma naco gisohoke muri Ruheshi 2017, mu nama igira iya 35.

Abo bahinga ba ONU bazokora ayo matohoza ni Fatsah Ouguergouz wo muri Algérie, ari nawe azoba arongoye uwo murwi, Reina Alapini Gansu wo muri Bénin, hamwe na Françoise Hampson wo muri Royaume-Uni.


IGIHE

Messages

  • NTABO DUKENEYE NTABO TWASAVYE NIBAJE GUHANURA IWABO KUKO TWEBWE TURIKWIJWE KANDI NTAMATOHOZA AKENEWE KUKO IVYABO TWARABIBONYE RERO NTIBATUGARUKIREHO NTABO DUSHAKA NIHIRAMBIRE UBURUNDI NABARUNDI

  • Ni mubareke baze kuko muvuga ko mutica mutanyuruza mudahohotera mutaboreza igufa none mwiyotsa iki gusa ndarwa nkagaruka niho babafyinishije ubundi se izompari zose niziki kwico bagomba gukora bakizi kandi bagishoboye erega Ngo wotana numwana atagutuka akaguturira

  • Ubwo n’ubujuju bwa leta y’uburundi kuko wanse ko baza ahubwo uba uborohereje akazi kuko barafise abandi bazobaza hama bamenye uko bazoruca,mbe abanyagwanda birigwa baratahukana isi yose ko ntarumva ngo banse,wewe ubusa bw’ubusa ubaye nde,uriki canke ubarushije iki,ba Usama na ba Kadafi babakuye mu kuzimu iyo banyegeye ariko nkawe Nivyabandi uzoja kunyegera muri vya bitoke canke ka kahawa k’iwanyu!!!N’ukwasama gusa bavyita guta umunwa

  • NIVYO NTABODUKENEYE KUBERIKI BABONA IVYIWACU NTIBABONE IVYIWABO NTABODUKENEYE

  • HAHAHAHAHAAAAA, NTASOGANIRIZO MUGIRA REKA ONU IKOMEZE KUBAFATIRA IBIHANO MUBIJANYE NUBUTUNZI, HAMA MWIRARE MUBANYAGIHUGU MUBASHAHURA NGO MUBARONDERAKO AMAKORI!!!!!! NITUBONA DUSHEGESHWE DOZOCA TUBIYAHURIRAKO DUHEMUKE TWEBWE ABANYAGIHUGU TUBEGUYE. NIMURENDEGERE BARENDEGERE YENZE NYINA HIHIHIHIHIIIIII

  • Nibaze muri Usa abantu bama bariko bararaswa ukobukeye uko bwije ariko ONU ntaco ivuga nobo ubwabo bakagomba kuza kurondera amahoro ahandi kandi nabo birigwa barica ababo amerika yananiwe gucungera umutekano wabanyagihugu ni bazane abasoda mvamakungu canke police hakiri kare bitarabanabi.

  • Abobahinga Ntabodukeneye Kuko Ari Abatovyi Mubandi Bashaka Gucanishamwo Abarundi.

  • BATANGATANGE mwese BARUNDI kira agasuzuguro

  • Ntacombona bobabaje kumarira uburundi nabarundi kuko abaheruka twarabonye ivyobakoze iyo ONU nikorere kuvyobayibwiye niyabanaho itabikoreyeko ibahane kuko batanze ivyegeranyo vyibinyoma muvyukuri niyaba abanje mwishusho ya ONU batanga ivyegeranyo vyibinyoma nkakurya babikoze bikagirako ntibahanwe kuburyo buboneka mubona Isi iriko iravahe ikajahe?
    Ndabisubiyemwo abobarwanizi b’Imana nabantu ntibakenewe mu Burundi.

  • uwo mugabo nivyabandi ntazi nakazi akora ubushikiranga bwagateka kazinamuntu ntazi nizo bujejwe kuko ntitwumva ukuntu atarukira kumasunzu yinzu yiyamiriza abaza gukora amatohoza mugihe abantu bicwa atacamira basi iyatuma ahora kuko yerekabnye ko ico ajejwe ataco azi

  • mbese iyo amatohoza bayahera 1962

  • Uwutakuriye iburundi ntiyobitahura ivyo bamwe nabandi bavga,

  • KUZA SI BIBI,ARIKO NI UKO BAZA BAKORERA KUVYA MBERE ATARIVYO,VYUZUYEMWO UBUBESHI.NI BAKORE IVYABO,KANDI BAREKE KWUMVIRIZA URUHANDE RUMWE.ABAGOMBA GUHIRIKA UBUTEGETSI,ABASHIGIKIYE IMIGUMUKO,BAGATURIRA ABANTU BAMENYEKANE.IBINOGO RUSANGI BATAYEMWO ABANTU IKIVUNGA,KUKI BIRI AHANTU BAGUMUKA?ABAVYIMBA BAGATAY’ABANTU,BAMENYEKANE.NTA WAHONYORAYO ATARI MUBANKA KO PETERO NKURUNZIZA ASUBIRA KURONGORA UBURUNDI

  • YEMWE YEMWE TURABASAVYE MWEMERE ABO BAHINGA BAZE EREGA BAJE SI RASIYO BAZOBA BAJE KUBARIRA KIMWE GUSA MWARI KUBAREKA BAKAZA MUGAKORANA.MU KIRUNDI BAVUGA ATI <<AKARI NYUMA KARAHINDA>>KANDI <<KANANIRA ABAGABO NTIYIMYE>> BIBONEKA YUKO HARICO MWIYAGIRIZA TWEBWE ABARUNDI TWARUSHE DUKENEYE KURUHUKA.DUSAVYE UMWUMVIKANO

  • Komera kwibanga mushikiranganji wacu tukuri inyuma.

    REKANAMBUKE HANOHAKURYA YA KANYARU INYUMA YUMUKINYI YITWA KAGAME AKORA AMAPENALITI ISUBIRIZA KUGIHUGU CU BURUNDI ARIKO UMUSIFUZI NTAMUHANE KANDI ABAKINYI BUBURUNDI BAKOMEZE KWEREKANA KO INTOKEZIWE ZAKOZE UMUPIRA,
    NIZEREKO UMUSIFUZI MUMUZI NIBAMWE BIRIRWA BARATITIRIZA UBURUNDI NGO BWAKOZENABI KUBABWARABURIJEMWO KUDETA.

    REKANDABABWIRE IYINDI PENARITI KAGAME YARAYE AKOZE, YARAYE YANKIYE ABENE GIHUGU BANE GUTAHA MURWABAVYAYE, ARIKO BABASIVUZI BAKUNZE GUTITIRIZA UBURUNDI AMASAHA YABAYEMESHI ATANAKIMWE BARAVUGA.

    PENALITI KAGAME YAGAKOZE NINYISHI ARIKO BAMWE BATITIRIZA UBURUNDI NGOBUGANIRE NANIYOMBARE YAGERAGEJE GUKUBITA KUDENDA NGO BUTAGANIRIYE NA NIYOMBARE NGOTURAGUFATIRA IBIHANO YEMWE BIRABABAJE ARIKO NIMURABE UMUPFASONI VICTORY MUHOZA INGABIRE IMYAKA AMAZE MUKASHO MWARIGEZEMWUMVA BATITIRIZA URWANDA NGO RUMUREKURE VUBANABWANGU NGWATANAKIMWE GISABWE!!!???

    UWOMUGABO BAKOMEJE KUTAMUHANIRA AMAPENALITI YURWUNGIKANE AKOMEZA GUKORA MWIBAZA ABAKINIRANABI BAZOMUGIRIRAGUTE?

    NTIMWIBAZE NGONIBAGIWE KUVUGA AMA PENALITI YAKOREYE MURUKINO RWABEREYE CONGO MUGIHE YAKUBITA AKARARIKA AMA MILLION NAMA MILLIONS ABASIFUZI NUNOMUSI BARARUCIYE BARARUMIRA WOMENGO NTACABAYE!
    ARIKO KAGAME ARIGITSE ABAZAKWICA ABARUNDI BAGATSITARA BABASIFUZI BACABASHAVURIRI UBURUNDI NABARUNDI NINE IVYOVYOSE MUBONA TUZOVYIHANGANIRA KUGEZA RYARI?

  • Kobarahiye kobatazokwemera kobahonyoza ikirenge ngaha muburundi ikirenge,none igisigaye nigiki ?,nihafatwe ingingo zikomeye kurizo ntagodwa za osama ngo ni nkurunziza!, nayuwo ntabwarumushikiranganji wa gateka kamuntu, numushikiranganji woguhonya abarundi. Hano muburundi ntamushikiranganji wagateka kamuntu dufise ! yapfuye kera nimva yiwe izayarameze kwivyatsi. Twiteze uwuzovuka 2017, ariko jewe nubu ndibaza ikintu bishimiye sindagitahura, nsubiyinyuma gato, nuko basazwe bazi kwica ico nico Martn NIVYABANDI yishimira hamwe nankuru petero wiwe.

  • none bokwemera ko baza gute kandi bazi ngene bamenje mukumara inzira karengane!yamara ijambo ry’imana riravuga ko uwicishije inkota azicwa n’inkota nawe nibarindire ruriko rurababiza!

  • @ Muzoyihera Intagoheka,
    Twase twase ivyobindi wiyumvira bokora barazobikora maze uzorebe ukuntu nawe ububabare bwavyo butazogushikira, wibazako itobibaye imbarutso yintambara Y’ISI ya 3 none wibaza kwintambaray’isi yotangurira Burundi igaherera Burundi itageze naho uri? Wehoho nubwo intambara 3 y’Isi itoba ntacubahiro uzigera kugirira aho uri mbega uribuka bimwe vyomumisiheze vyaba, birya vyose ningaruka zokuba urinyambukira.

  • kwatanakimwe twiyagiriza twobareka bakaza bakagir ayo matohoza yabo

  • HUTSI wewe uhendande? ingingo zose zishobora gufatwa kuburundi, jewe nubwo zoshobora kunkorako, mugabo uwoba asigaye wese yocabaho mumahoro mumahoro numutekano, ataguhimburwa ibihimba vyirondoka nkuko twirirwa turabibona ngaha muburundi bwacu. Iyo ntambara yisi uvuga, urihenda cane! ubaye intagodwa yukutumva ibishika bishikira wewe wabaye intagodwa, ntiwibaze ngo uwubasazwe yubaha igihugu ciwe camwibarutse nabenigihugu biwe, ngo bizomushikira!wewe niyuzowunwa. Akarorero kotwafatiwe ibihano bivuye kuri reta ya nkurunziza petero, ntibiriko birakora kuburundi ? mbe biriko birakora kubindi bihugu?,ivyo vyiyumviro vyawe birashaje.Rindira uzobubwira nimba uzoba ukiriho, canke nkabaho.

  • Wewe, Ntamatohosa, kuza ntakibi harimwo kukonyene ntakibi leta yuburundi yiyagiriza nicogituma twabaretse baraza bamaze kuza bakazagutangariza amakungu ibintu bituma dusigara tubiyamiriza twumvise ngobagomba batugarukire mugihugu.
    Umvasha mugezi Ntamatohosa, wewe wumva abantubaza ngobace gutohoza abakoze amabi ukumvango uwahamagariye abantu guturira abantu bamushize mubatakoze amabi, umuntu yagerageje gukubita kudeta bakabazanira mubatakoze amabi, ibihugu bikomeje kubika abakoze amabi mu Burundi ntibabivuge konavyo arivyansi vyu Burundi canke bifisemwo uruhare mumabi yakozwe nabovyanyeje, wumva mwenayo matohoza yogukora kumuvyimba abarundi bikunze kotuyirinda tutoyirinda ga mugenzi?

  • Hhaaa Mbega Uburundi Badushakako Iki? Nibagende Abo Bahinga Batohoze Mu Bubirigi Bongere Bababwire Batuveko Twe Twibereye Mumahoro Ivyo Bakoze Turabizi Ntibizongera

  • Hhaaa Mbega Uburundi Badushakako Iki? Nibagende Abo Bahinga Batohoze Mu Bubirigi Bongere Bababwire Batuveko Twe Twibereye Mumahoro Ivyo Bakoze Turabizi Ntibizongera

  • NINDE ATANGA UBURENGANZIRA BWO KUZA MU GIHUGU CACU ATARI ABARUNDI MBEGA BAZOKWAKIGWA NANDE KO TUTABASHAKA

  • @ muzoyihera Intagoheka, nagira ngurumuntubonakure nsaze urowo kubabararirwa kuko ubona ahukatagusa ntashoboye kuraba imbere cane .

  • HUTSI uratweza sha, iyuba waruzi iconzi wavuga make! nimba witeze kwintambara yisi yose kwizokwanduruka ngaha muburundi, urihenda ni wuzowunwa abandi bariko baritezimbere.Nkurunziza wawe nabandanye kuwatsa mukwica abenigihugu umusi wamusaranye kuwuzimya bizomugora cane.

  • KUBERIKIRETAYUBURUNDIYIRA IGIHANGANGE MRABINTAHIRIZA!

  • NIMUNDUNGIKIRE AY,ANDIMAKURUYABAYE UNOMUSI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.