IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rumonge : Abantu batatu bapfuye bakubiswe n’inkuba

Rumonge : Abantu batatu bapfuye bakubiswe n’inkuba

dimanche 4 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu batatu bapfuye bakubiswe n’inkuba muri komine n’intara ya Rumonge, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu. Abajejwe intwaro mu Rumonge bavuga ko abo bantu batatu baje biyongera ku bandi batatu nyene, bishwe n’inkuba, mu kiringo c’indwi zidashika zibiri.

Abo bapfuye kuri uwu wa gatandatu ni umugabo umwe n’abagore babiri, bakaba bahitanwe n’inkuba yarabije mu mvura nyinshi yariko iragwa muri iyo komine.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge bahanura abanyagihugu kwirinda kwugama imvura munsi y’ibiti.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.