Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi-Bweru:Bamwe mu bakozi ba Reta basaba ko ingingo yo kurihishwa (...)
Ruyigi-Bweru:Bamwe mu bakozi ba Reta basaba ko ingingo yo kurihishwa amafaranga 5000 ihagarara
vendredi 9 Ruheshi 2017
Abakozi ba Reta muri Komine ya Bweru na cane cane abatari mu mugambwe CNDD-FDD bamenyesha ko ingingo yo kurihishwa amafaranga ibihumbi bitanu ku muntu ari iyije kubacinyiza na burya igihugu kirangwamwo ubukene.
Abo bakozi ba Reta batari mu mugambwe CNDD FDD basaba ko ingingo yo kurihishwa iyo ntererano yofata abari mu mugambwe CNDD-FDD bonyene, kuko bisa n’uko umukuru w’umugambwe yobasaba gutanga iyo ntererano yubaka inzu yiwe.
Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD muri komine Bweru, Josaphat BWAMPAMYE aremera ko hari amafaranga ariko arasabwa kugira afashe mu kwubaka ingoro y’umugambwe, ariko akavuga ko abayoboke b’umugambwe CNDD-FDD bakorera Reta aribo bonyene basabwa iyo ntererano.
MUGISHA Van Naris