IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi : Impunzi 702 zakiriwe zahungutse ziva mu gihugu ca Tanzaniya

Ruyigi : Impunzi 702 zakiriwe zahungutse ziva mu gihugu ca Tanzaniya

mardi 12 juin 2018

Abo barundi bose bahungutse bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Mutenderi mu gihugu ca Tanzaniya, bagizwe n’imiryango 219, irimwo abagabo 340 n’abagore 362.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bwamenyesheje ko impunzi ibihumbi 72 arizo zitezwe guhunguka zivuye mu makambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kw’ igenekerezo rya 5 Ndamukiza umwaka wa 2018 gushika igenekerezo rya 31 Kigarama 2018.

Gushika ubu ishirahamwe HCR na Reta y’Uburundi barafashanya mu gikorwa co gutahukana izo mpunzi, zikaba zishikira mu bibanza bine vyatunganijwe mu gihugu, kugira zakirirwemwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.