IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sameh SHOUKRY yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Sameh SHOUKRY yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Bimwe mu vyaganiriwe hagati y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA n’umushikiranganji Sameh SHOUKRY vyari vyerekeye imigenderanire hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Misiri hamwe n’uko amazi y’uruzi Nil ivyo bihugu bihurirako yobungwabungwa.

Imbere y’uko ahabwa umubonano n’umukuru w’igihugu, Sameh SHOUKRY yabanje gutanga imfashanyo y’ibikoresho igihugu ca Misiri catanze ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge hamwe no ku bitaro vy’igiporisi c’Uburundi.

Bitegekanijwe ko urugendo rw’umushikiranganji Sameh SHOUKRY yatanguye kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza mu Burundi rurangira kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.