IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Therence NTAHIRAJA avuga ko Abarundi bahungiye mu Rwanda bahunguka mu (...)

Therence NTAHIRAJA avuga ko Abarundi bahungiye mu Rwanda bahunguka mu kinyegero

vendredi 29 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Therence NTAHIRAJA amenyesha ko abavuga ko impunzi z’abarundi zihunga ari iziva mu gihugu ca Tanzaniya n’igihugu ca Kongo gusa ari ibinyoma kuko no mu bindi bihugu bahunguka.

Therence NTAHIRAJA ashikiriza ko ibitigiri vy’impunzi z’abarundi bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR atarivyo, kuko ku bwiwe abarundi bahunguka ku munsi ku munsi, ariko HCR ntibishire mu vyegeranyo vyayo.

JPEG - 54.7 ko
Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

Uwo avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yemeza ko hagiye kubaho igenzurwa ryo kumenya igitigiri c’abarundi bahunze kuva ku mitumba gushika mu ntara, bafatire no kubamaze guhunguka kugira bamenye igitigiri c’ukuri c’abarundi basigaye mu buhungiro.

Ku kibazo co kumenya kazoza k’abarundi bahunze bahora bafise ubuzi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko bazosubizwa mu mirimo mu gihe ibibanza bari barimwo bizoba bitarajamwo abandi.

Therence NTAHIRAJA avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yizeza abashaka guhunguka ko bazosanga amatunga yabo yaracunzwe neza.


Naris MUGISHA

Messages

  • Ndishimiye ko impunzi ziriko zihunguka kubwinshi.Naho guhunguka mukinyegero navyo nivyiza ko no muguhunga bahunze mukinyegero noguhunguka nibimenye nkuko babikoze muhunga.Ahubwo ninavyo vyiza ko ntawe bariko baragora ngo nabafashe muguhunguka,Naho UN HCR ntishobora gutanga ko ifise ibitigiri bike vyimpuzi kandi ariho bazeye uburaro nuburamuko.Erega bari kukazi none boheza bakikura AMATA mukanwa ko bavuze igitigiri kinini cimpunzi nabo baharonkera umugisha ko ubulayi buca bwegeranya ibi EURO vyinshi ngo ninfashanyo zo kurungikira impunzi.HAAAAHUUUUIPUUUU wapi KWEL KABISAAAAA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.