IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > CNOOC irahakwa kwaka ububasha bwo gucukura igitoto muri Uganda

CNOOC irahakwa kwaka ububasha bwo gucukura igitoto muri Uganda

mardi 27 Munyonyo 2012

Yoweri Museveni umukuru w’igihugu c’u Buganda yoba yafashe ingingo yo kwaka ubushobozi n’impusha zishika zitandatu zo kudandaza ibitoro ishirahamwe ry’abashinwa CNOOC kugira TOTAL ishirahamwe ry’abafaransa ribe ariryo ribidandaza.

Atanezerejwe n’icegeranyo ca nyuma c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cagiriza umukuru w’igihugu c’u Rwanda Paul Kagame gufasha umuhari M23 urwanya reta ya Congo, Yoweri Museveni umukuru w’igihugu c’u Buganda, yamaze kuvuga ko ashobora gukura muri Somalie abasirikare b’abaganda bariyo mu rwego rwa AMISSOM. Ivyo bishobora gutuma abasirikare ba AMISSOM bagabanuka gushika kuri kimwe ca gatatu.

Inkuru ziva mu bategetsi i Kampala, zivuga ko Museveni yoba yafashe n’izindi ingingo ko ahamwe ubutegetsi bwiwe bwofatirwa ibihano yoca yaka ishirahamwe ry’abashinwa CNOOC ububasha bwo gucukura ibitoro muri ico gihugu, eka mbere n’ibirometero kwadarato ibihumbi cumi vy’ikiyaga Albert bisigaye kugenzurwa.

Abafaransa n’ishirahamwe ryabo TOTAL baramaze kwizera gushikira ivyo bitoro biri muri ico kiyaga kuko baja baramaze gushinga imitahe muri ico gihugu c’u Buganda. Umupfasoni aserukira igihugu c’U Bufaransa yamaze kubimenyesha ubutegetsi bw’u Bufaransa.


Mugisha Van Naris

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.