IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE isaba sentare mpuzamakugu gutanguza amatohoza mu Burundi

UE isaba sentare mpuzamakugu gutanguza amatohoza mu Burundi

mercredi 25 Nzero 2017

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba sentare mpuzamakungu n’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe umutekano,gutanguza amatohoza vyihuta ku bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ryisunze ivyegeranyo n’ibiharuro vyavuye mu matohoza ku bijanye n’ubwicanyi,ihagarikwa ,inyuruzwa ,ihohoterwa hamwe no kudahana,rishigikiye ihagarikwa ry’infashanyo mu bijanye n’amafaranga.

Inama nshingamateka y’isirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya irashigikiye ingingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,ikamenyesha ko ishigiye ingingo yo gufatira ibihano abarundi bagirizwa gusinzikaza agateka ka zina muntu.

Muri Reta y’uburundi bavuga ko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya ikorera ku binyoma ,kuko ibintu vyateye imbere mu Burundi mu bijanye n’amahoro n’umutekano,n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.


IGIHE

Messages

  • Harageze vraiment, kandi ivyo turabishimye,ni mushengeze abo bicanyi baba DD, mugumye iyo mishahara y’Abasoda bari muri Somalie,hama inzara, umucafu mu bisagara,Cholera, n’ibindi bibazo vyinshi bibandanye vyiyongera, rero Peter Nkurunziza nagume hamwe rero,akari inyuma karahinda, Union Europpeene nta blague, fimbo chapa

  • We Wiyita Mwumba Ubwo Urakwije Neza Mumutwe? Uti Abasoda Bari Muri Somalia Ntibabahe Amahera Yabo? Ntamugenzi Wigezuronka Mubagiyeyo Ngo Akubwire Uko Hameze? Nimba Uri Umurundi Ntamwanya Winkonda Ugihari Imbere Yokuvuga Ivyuvuga Uzozubanza Kubikosora.

  • Vyarabananiye Baramaze Guta Intumbero Bihaye Mu Gutanguza ONU.Ingingo Zafashwe Ni Nyishi Ntizije Mu Ngiro

  • Jewe umurundi nzi gutandukanya icatsi nururo ndasavye vyihuse umugabo wu mubiligi yitwa Louis Michel ubutungane mpuz’Amakungu bumukoreko amatohoza akwiye kubijanye namabi aheruka muburundi.

  • Mpejeje kumenya ko ubumwe bwaburaya ko buzova inyuma yuburundi nabarundi bubanje gusambuka kandi namenyeko hatazogera mumwaka wa 2020 butarasambuka.

  • Ingeso yo kudahana iveko,banyarutse banyarutse,Yahya Jammeh yahora arongoye Gambie na Peter Nkurunziza w’u Burundi n’ivyegera vyabo bidatevye bazorengutswa i la haye kwa Fatou Bensouda,muga bahere kuba DD

  • @Hutsi,ugirango u Burundi busambuke k’angahe?bwasambutse kera, busambuwe na Peter Nkurunziza,erega Shetani iraganje mu Burundi,

  • mweeeese abarundi muta akanwa k umukuru w igihugu mugashigikira abazungu ,mwibagiye ko abazungu aribo baduteranya?tuzopfa turyana tutamenya igituma.Nimwaba mufise ubwenge mwiyumvire kur,ubu butumwa bwanje.Mbega ni bande bishe rwagasore?Bamwishe kuber,iki?uwufise umutwe ukora neza ntiyoshigikira abanyamahanga,uwubashigikira nawe ahiga ugutwara igihugu ’agite mu manga k ubukunzi bwinda.Abo bose nta n1afise umuryango m uburundi bahunze amahoro.

  • Wewe Ikurakure, subira usomeneza ivyonanditse kugirabikurinde guserura ivyo wifuza.

  • @Cobla Rouge, Abasoda bari muri Somalie agahembo kabo bazokaronswa muga bitaciye muri finance ya Leta ivyo UE yaravyanse izuba riva,ikindi naco izo nkonda uvuga je ndi umukukuruke nzi vyinshi kibondo, inumire

  • Turashima ibihano vyafatiwe Nkurunziza Petero bijanye nimfashanyo zava mubihugu vyaburayi, tukanasaba kwongereza ibihano kuraba bategetsi bahano muburundi, kuko hamwe batohanirwa amabi bariko barakora unomusi, ivyo kurwanira agateka kamuntu bizoba vyabananiye. Ivyomusaba navyo vyamatohoza yoba hano muburundi, sinzi, kuko abategetsi bahano kuvyemera bizobagora kuko beshi muribo bafise uruhara runini mwihohotera ryagateka kazina muntu!, ikiriho nukwongereza inguvu kubihano ivyo nivyo bizobagondoza kwemera kwabahinga karuhariwe mugutoza, kuza hano, ntawundi muti uriho woshobora kuvura nkurunziza nakagwi kiwe.

  • Mwumba Ntibitanganje Vraiment Kuba Wavuzeko Urumukukuruke, Urimuri Retour D’ Age Birumvikana. Ariko Wumveko Atari Kuri Yangoma Yiwanyu Turakanura Hakuna Kulala. Fungua Macho Uwone Mbereako Arafu Utulie.

  • ARIKOHAKWIHENDAMUKWANDIKA WOPFUMAWIHEKURA TESWEMUTEVYOSHENIMANA

  • Mbega Hobica NYakwigendera Ndadaye Ivyo Bihungu Vya Burayi Vyahe?Twarabahiye Ibisigaye Kubaho Kumuswi Simpuhwe Za Akaca Iyaremye Uburundi Na Barundi Irababona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.