Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPD-zigamibanga : "Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ntaco yari imariye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Poritike > UPD-zigamibanga : "Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ntaco yari imariye (...)

UPD-zigamibanga : "Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ntaco yari imariye abarundi"

Friday 27 October 2017

Mw’itangazo umugambwe UPD –Zigamibanga wasohoye kuri uno wa gatanu ,riterwako umukono na Abdoul Kassim awurongoye,umenyesha ko kuba Uburundi bwavuye muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu bituma buja k’uruhande rumwe n’ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika na Buraya bitigeze bishira umukono kuri ayo masezerano.

Muri iryo tangazo,umugambwe UPD-zigamibanga urashima kuba Uburundi bwavuye muri ayo masezerano kubw’awo ataco yari amariye abarundi, ugasaba ko Reta itosubira gushira umukono ku masezerano atuma abanyagihugu bagira ku bihugu vyo hanze.

Umugambwe UPD-Zigamibanga usaba ubutungane bw’ Uburundi gukoresha inguvu zose mu guca imanza budahengamye , bwihutire kandi guca imanza z’abahagaritswe mu gihe c’imyiyerekano yabaye mu mwaka wa 2015.

Ku ruhande rwiwe,mu kiganiro nyahaye abamenyeshamakuru ,umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko igihugu c’Uburundi cavuye mur’iyo sentare kuko basanze ari sentare y’agacinyizo bafatiye kuvyo yakora mu bindi bihugu na cane cane vyo ku mugabane wa Afrika.

Umushikiranganji Aimee Laurentine KANYANA yavuze kandi ko ivyo iyo sentare mpanavayaha mpuzamakungu yashatse gukora ku gihugu c’ Uburundi bitari ivy’ineza y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.