IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya igenewe abanyagihugu (...)

Imfashanyo y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya igenewe abanyagihugu badafungura neza

vendredi 12 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Kugira uwo mugambi uje mu ngiro amahera agera ku miriyoni 20 y’amanyaburaya niyo ubumwe bwa buraya butegekanya kuzokoresha mu gihugu c’Uburundi. Ibikorwa vyo gushigikira uburumyi bikorwa na FAO mu bice vy’abanyagihugu bafungura nabi bituma abagera ku bihumbi 200 bashobora kwinagura mu gufungura neza.

Mu ntango z’uwu mwaka, PAM ifadikanije n’ubumwe bwa buraya iriko ikorera mu mugambi wo gushigikira gukinga gufungura nabi ku bakenyezi bagera ku bihumbi 20 ridasize inyuma abana bato bato bugarijwe no gufungura nabi mu bice vy’igihugu vyugarijwe n’ukubura imfungurwa.

Muri izo miriyoni 20 z’amanyaburaya ategekanirijwe ivy’imfungurwa, ayagera ku miriyoni 4,4 niyo agenewe Uburundi mu mugambi wo gufasha abanyagihugu bugarijwe no gufungura nabi mu mwaka 2017.

Ibiharuro vyerekana ko abantu bagera ku miriyoni 3 mu Burundi bageramiwe n’ukubura imfungurwa muri abo abagera ku bihumbi 900 akaba aribo babangamiwe cane kurusha abandi. Kubw’ivyo mu mugambi w’ishirahamwe ryitaho ikiremwa muntu washizwe ahabona muri Nzero 2017, utegekanya gufasha abantu bakeneye imfashanyo vyihutirwa, gufasha abanyagihugu kugira umwizero hamwe no kwegeranya ibitigiri vyofasha mu gutanga imfashanyo mu gihe vyihutirwa.

Mu mezi aza, Ubumwe bwa buraya butegekanya kandi gufasha no mu bindi bisata na cane cane mu bice vy’igihugu bigeramiwe gusumba ibindi mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu bo mu Burundi muvyo bakenera.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.