IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > U Burundi bugiye gutera intambwe mu gisata co gutumatumanako (...)

U Burundi bugiye gutera intambwe mu gisata co gutumatumanako amakuru

dimanche 18 Munyonyo 2012

Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Thérence Sinunguruza amenyesha ko naho u Burundi bwahora buri inyuma mu gisata co gutumatumanako ugereranije n’ibindi bihugu vya Afurika y’ubuseruko,ngo umuhora w’urutsinga uherutse gutangurizwa ku masanganzira y’intara z’uburaruko bw’Uburundi uzotuma igihugu gitera imbere kandi gishobora kumenya no guhanahana amakuru y’ibibera kw’isi yose vyoroshe kandi mu mwanya muto.

Ivyo Thérence Sinunguruza yabimenyesheje ku wa 17 Myandagaro 2012 igihe yari yateye iteka ibirori vyo gutanguza icese ibikorwa vyo kwubaka umuhora w’urutsinga rwo gutumatumanako vyabereye ku Masanganzira muri komine Kiremba intara ya Ngozi. Yamenyesheje kandi ko Reta y’U Burundi ishigikiye cane ico gikorwa kandi ngo igiye gukora n’umwete kugira ishobore kwunguka umwanya yataye maze ije ku rugero rw’ibindi bihugu vya Afrika y’ubuseruko. Ibikorwa vyo kwubaka uwo muhora ngo bifatiye ku muryango w’ibihugu vyose ujejwe gutumatumanako amakuru hamwe n’ingingo zagiye zirafatwa kugira ntihagire igihugu na kimwe cosigara inyuma imbere y’uko umwaka w’2015 ugera kitarashiraho izo ntsinga zizofatanya ibisagara n’iyindi mihingo kugira abanyagihugu bashobore kuronka ubumenyi bwotuma bisununura mu guhanahana amakuru.

JPEG - 36.8 ko

Ngo Reta yipfuza ko ico gikorwa cugururiwe ku masanganzira y’intara za Ngozi, Kirundo na Muyinga cohuza intara zose z’Uburundi kugira dushobore guhanahana amakuru n’ibihugu duhana imbibe ata ntambamyi kandi ku buryo butazimvye. Kugira ibiciro bishobore kugabanuka muri ico gisata kandi yasavye abarwizatunga mvamakungu kuza kugiteza imbere mu kugishiramwo imitahe nayo abafise uruhara muri ivyo bikorwa nk’ubushikiranganji bujejwe gutumatumanako, sosiyete BBS izotunganya uwo muhora niwamara kurangira kugira uko bashoboye kugira ivyo bikorwa bize bishobore kwugururwa vy’imfatakibanza muri Kigarama uno mwaka, maze ikiringo nyezina co kwugurura burundu uwo muhora kize gishike ata ngorane ubona ko Uburundi aribwo bwari busigaye inyuma mu bindi bihugu vya Afrika y’ubuseruko.

Nayo umushikiranganji ajejwe ivyo gutumatumanako Concilie Nibigira yaribukije ko kugira Uburundi buve mu bukene bwihaye intumbero y’uko mu 2025 butegerezwa kuba akarorero mu buhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru. Ayo majambo akaba yari yarashikirijwe n’Umukuru w’igihugu ku wa 2 Nyakanga 2010 aho yari yavuze ko Reta izokora uko ishoboye kugira hatezwe imbere ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru mu bice vyose vy’igihugu mu guhabwa imashini nyabwonko kugira ibiharuro vy’ubutunzi bibe bizwi ku mwanya ku mwanya.

Uwuserukira Sosiyete Burundi Backbone System yamenyesheje ko uwo muhora uzoba wizewe kuko ariyo izowutunganya kandi ibiciro bizoba biciriye hagufi ndetse Uburundi bukazoca buja ku rugero rw’ibindi bihugu. Abanyagihugu n’amashirahamwe ajejwe gutunganya no kwubaka amabarabara n’ibisagara akaba yabasavye kuwubungabunga no kuwukingira narirya usaba uburyo bwinshi kandi ukaba uzobagirira akamaro katari gato. Aha twobamenyesha ko uwo muhora ufise uburebure bw’ibirometero 1250 ukaba uva i Mombasa muri Kenya ugaca i Dar-Es-Salama muri Tanzaniya ukabandiriza mu Burundi no mu Rwanda.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.