IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bushobora kwakira inama ya COMESA mu mwaka w’2017

Uburundi bushobora kwakira inama ya COMESA mu mwaka w’2017

mercredi 28 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yakiriye i Bujumbura kuri uwu wa gatatu umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA (Common Market for Eastern and Southern Africa). Muri uwo mubonano, baganiriye ku nama zibiri z’iryo shirahamwe ziriko zirategurwa.

Nk’uko tubimenyesha igisata kijejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe COMESA, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Sindiso Ngwenya, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA, ko amahoro, umutekano bikenewe mu bihugu bigize iryo shirahamwe, kugira imigambi y’ako karere ishobore kuja mu ngiro.

JPEG - 47 ko
Umukuru w’igihugu Peter NKURUNZIZA yakiriye Sindiso Ngwenya, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA

Sindiso Ngwenya yari yaje kandi kubwira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA inama zibiri z’iryo shirahamwe ziriko zirategurwa. Inama ya mbere ya COMESA izobera muri Madagascar kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 19 Gitugutu 2016, ikazohuza abakuru b’ibihugu hamwe n’ama Reta agize iryo shirahamwe.

Iya kabiri itegekanwa kubera i Bujumbura mu Burundi mu mwaka w’2017, nk’uko vyashikirijwe na Sindiso Ngwenya, umunyamabanga mukuru wa COMESA.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Uburundi bwiteguriye kwakira iyo nama, nk’uko vyemezwa n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe COMESA.


IGIHE

Messages

  • koyamenyeshej kobiteguriy kwakira iyonama ntamenysheko yiteguriy kugenda imadagasicale mwumva azogenda canke azogumayinyegeje?

  • AMAKUNGU YABONYE YUKO IBIVUGWA KU BURUNDI ARI BINYOMA.UBURUNDI BUGIYE KWAKIRA INAMA YA COMESA MU 2017.UKURI KOZOKWAMWA GITSINDA IBINYOMA VYABARUNDI BANKA DEMOCRATIE.

  • EMWE amakungu agiye yategera ko uburundi arigihugu nyabagendwa.

  • #BurundiToday 28-09-2016: #ISAZI HAMWE YOMENYA UBWENGE ,YOKORA UBUKI !
    .
    #UMUGUMYABANGA YATWANDIKIYE ATUBAZA NGO:
    .
    MU NTANGO BATUBWIRA NGO IGIHUGU C’URWANDA KIRASIBIJE IGIHUGU ,TUJA MW’IBARABARA NGO TWIYAMIRIZE ICO GIHUGU HAMWE N’ABAKIRONGOYE!
    .
    URWANDA RUHAVUYE,MUNYUMA BATUBWIYE KO UBUBIRIGI BUSHAKA KUZA KUDUSUBIZA MUBUKORONI, NAHO NYENE NGO SHIDUKANA NIYONKA KUGIRA TUBWIYAMIRIZE ! IVYAKURIKIYE NTAVYO TUZI AHUBWO TWAGIYE TWUMVA AIME NYAMITWE YAGIYE GUSABA IKIGONGWE !
    .
    NTIVYAHEREYE NGAHO, BATUBWIYE NGO IGIHUGU C’UBUFARANSA KIRIMWO KIRATWINJIRIRA AHUBWO KO TWONYARAGASA TUKAZINDUKA MUMUTWENZI KUGIRA TWIYAMIRIZE UBUFARANSA KUKO NGO MU BURUNDI TWARIKUKIYE !
    .
    UBU NAHO BAGENZI ,HAGEZE YAHO BATUBWIRA NGO TWIYAMIRIZE ONU ,NUKUVUGA YUKO TURIKO TURIYAMIRIZA IBIHUGU VYOSE BIGIZE ISI YOSE! MBEGA IYO NTAMBARA YISI TUZOYISHOBORA?
    .
    BIRAKOMEYE : MBEGA AYO MASHIRAHAMWE YOSE,IVYO BIHUGU VYOSE NIGIKI DUPFA? KUBERIKI BABONERA UBURUNDI GUSA? UKWO BIRI KWOSE ABAGUMYABANGA TURAKWIYE GUKANURA TUKARABA KURE HASHOBOKA KUKO ABATEGETSI BACU BARIKO BADUTAMBUKIRAKO NK’IBIRARO KUGIRA BISHIKIRE IYO BASHAKA GUSHIKA!

  • kwemera biroroshe kubitwa ko ara bagetsi buburundi yananiwe kuja mu rwanda azoja imadagsikar nigatinya shengero

  • ntahazoja uwo nigatinya shengero yanka kujakure kuko yishakira kwigumira mwibarabara hazogenda nyamitwe niwe mukuruwigihugu bariteye kudeta

  • Nimureke abanze yakire abashitsi bo mwishirahamwe COMESA Hana azosohoka munyuma Pierre Nkurunziza so gatinyashero oya mwebwe naho agejeje ikivi ntimwohashikana nic4 nimureke arashoboye musha igihugu atacomushoboye mubonye yakigizeneza NGO named murashoboye teshwa mute twarabahinye ubu nimwebwe mushikiriwe kurya ivya HCR mubone ICO twabarushije @tzcom

  • Mbega yemwe abantu murajwe ishinga no kubona umukuru wigihugu cacu ataja hanze ngo mumugandagure ntimubonako mugowe?mwicara mubarikiririza ngo mbe mwumva azogenda?hahahaaa ndabatwenze erega mwaraturubuye mumitwe.nwanka mwemera azobatwara
    Mbe aho mwibazako mumwishe mwoca muronka ivyo mugomba?Ndadaye ko mwamwishe baNdadaye ntibasigaye. Ugira vyarabereye?ngo mbe mwumva azogenda? Hanyuma ucukora iki?ishavu ryimvwa riherera kumurizo aho murondera ngo hakogwe yandirimbo yanyu ngo nihonyabwoko muraofuye nabi ntahonyanbwoko sha ubu turi 1.ahubwo munyaruke kwa muganga babavomemwo ayomaraso yabantu mwanyoye

  • Nivyiza ko abohanze boza baratemberera i gihugu cacu c’uburundi kugira birabire aho amahoro n’umutekano bigeze.baze barahinyuza abavuga ko atamahoro ahari.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.