IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwemeye kuzokwisunga ivyasabwe mw’ishirwaho ry’ifaranga rimwe muri (...)

Uburundi bwemeye kuzokwisunga ivyasabwe mw’ishirwaho ry’ifaranga rimwe muri EAC

mercredi 28 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko yashikirije ko intumbero nyamukuru y’iryo hwaniro ari ukurabira hamwe ingene umugambi ujanye n’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko wifashe mu bijanye n’inyungu Uburundi bukurayo, ingorane Uburundi bwagiye buraronka muri iyo myaka cumi irangiye, ivyaranguwe hamwe n’uturusho.

"Ni ukwiyumvira kandi ivyohinduka bikongera bigashirwa mu ngiro mu ntumbero y’ukwubahiriza ivy’Uburundi bwiyemeje mu kwinjira mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko. Ukwerekana imigambi ya kazoza hamwe n’ukwiha intumbero y’ugukora kugira Abarundi bashobore kuronka akarusho gaturutse muri iryo yinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko bongere bafate uwo mugambi nk’uwabo."

JPEG - 968.4 ko
Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko

Mu bikorwa vyaranguwe n’Uburundi muri uwo muryango, umushikiranganji NDAHAYO avuga ko Uburundi bwagize uruhara rukomeye mw’ishirwaho ry’amasezerano yashinze isoko rusangi ya Afrika y’ubuseruko yateweko igikumu kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2009 i Arusha muri Tanzaniya. Uburundi buvuga ko bwashigikiye kandi ishirwaho ry’amasezerano avuga ikoreshwa ry’ifaranga rimwe muri iryo shirahamwe, ayo masezerano akaba azotangura kuja mu ngiro mu mwaka w’2024.

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO ati : "Turashima utwo turusho twose tumaze kuronka naho impinga ikiri ndende."

Mw’ijambo ry’ugutanguza ibikorwa vy’iryo hwaniro, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yateye akamo abantu bose bafise uruhara mu bijanye n’ukuja hamwe kw’ibihugu muri Afrika y’ubuseruko, gukora ibishoboka vyose kugira uwo mugambi bawugire uwabo, kuko ariyo nzira yonyene ishika muri iki gihe n’ibindi bihugu birangwa n’ugukorera hamwe mu bijanye n’uguhanahana ibidandazwa.

"Dutegerezwa guteza imbere tudatevye igisata c’imitahe, gusanisha amategeko agenga ibijanye n’amakori hamwe n’ibijanye n’ikoreshwa neza ry’amahera ya Reta kugira tuzoshobore kuja ku rugero rumwe mu bijanye n’ubutunzi hagati y’ibihugu dusangiye akarere."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije ko Uburundi buzokwisunga ivyasabwe mu masezerano agenga ishirwaho hamwe n’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ibihugu bitatu bikwije ibisabwa nivyo bizotanguza uwo mugambi w’ugukoresha ifaranga rimwe. Ibindi bihugu bizohamvya abandi bihejeje kwitegura.

"Iyo nzira niyo yonyene izotuma tumenya ivyotugirira akamaro n’ingoga gusumba ibindi, hamwe n’uruhara rw’aba n’abandi kugira umugambi ujanye ry’uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko ushoboke kandi ugirire akamaro abenegihugu."

JPEG - 76.2 ko
Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abo vyega ko bokora ibishoboka vyose kugira amanama menshi ya Afrika y’ubuseruko atunganirizwe mu Burundi, kuko nk’uko yabishikirije, bizotuma abaje mu Burundi biyumvira ukuri kw’ibivugwa.

"Ivyo bizotuma abaje mu Burundi biyumvira, bibonera n’amaso yabo, bakamenya ukuri kw’ibikorwa mu Burundi n’ibivugwa ku Burundi, bakaronka inkuru z’imvaho aho kuja ku mohe, insaku n’ibihuha bikwiragizwa n’abatipfuriza ineza Uburundi."

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA avuga ko abagendeye Uburundi kenshi aribo babubera ijwi mu makungu, kuko baba biboneye amahoro n’umutekano birangwa muri ico gihugu.

Uburundi bwateye igikumu ku masezerano yo kwinjira mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2007 i Kampala mu gihugu ca Uganda. Iyinjira icese ry’Uburundi muri iryo shirahamwe ryabaye kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2007.

Icivugo c’iryo hwaniro ryabaye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruheshi 2017 ni : « Imyaka cumi irangiye Uburundi bwinjiye mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko : Inyungu bwaharonkeye, ivyaranguwe, uturusho, ingorane hamwe n’imigambi ya Kazoza »


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.