IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwaronkejwe ingurane y’imiriyoni 15 z’amadorare

Uburundi bwaronkejwe ingurane y’imiriyoni 15 z’amadorare

mardi 16 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera ku bihumbi amajana abiri akaba aribo bazokoresha iryo barabara rizofasha mu ruja n’uruza ry’abantu n’ibintu, ibidandazwa, hamwe n’ibindi bifasha mw’iterambere ry’igihugu.

Mu birori vy’ugushira umukono kuri ayo masezerano, Suleiman J Al-Herbish, umuyobozi mukuru w’ikigega OFID yarashimye imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’ico kigega, yemera gufasha mu migambi y’ukugabanya ubukene, mu gukwiza amabarabara ya kijambere mu ntara zitayafise.

Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta yarashimye nawe nyene imigambi ikigega OFID kibandanya gukora mu Burundi mu bijanye n’amasoko ntanganguvu, ubushakashatsi muvy’uburimyi, n’iyindi.

Iyo ngurane y’amafaranga imiriyoni 15 z’amarundi izokoreshwa mu kwubaka ibarabara RN16 ry’ibirometero 35.

JPEG - 123.2 ko
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domisiyano NDIHOKUBWAYO hamwe na Suleiman J Al-Herbish, umuyobozi mukuru w’ikigega OFID

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.