IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwasavye ko inama y’abakuru b’ibihugu ba EAC yoshirwa ku rindi (...)

Uburundi bwasavye ko inama y’abakuru b’ibihugu ba EAC yoshirwa ku rindi genekerezo

samedi 25 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi iheruka kwandika isaba ko inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko yari itegekanijwe kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2017 yokwegezwa inyuma, igashirwa ku rindi sango. Uburundi bwabisavye kubera iryo genekerezo ry’iyo nama rihuriranye n’umunsi Uburundi bwibuka imyaka 23 iheze uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sipiriyano NTARYAMIRA agandaguwe.

Reta yamenyesheje ko kugira Uburundi buserukirwe muri iyo nama, ari ukwo iryo sango ryokwegezwa inyuma, ariko Reta ikaba itavuze irindi genekerezo iyo nama yoberako, ahubwo ko ibihugu vyose bikwiye kuvugana kugira bihurize kuri iryo genekerezo rishasha.

Uburundi buremeza ko buzokwitaba iyo nama, ariko akaba atawuramenya namba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe azokwigira ubwiwe canke namba azorungika abamuserukira.

Tubibutse ko inyuma y’ibiganiro bihuza Abarundi biheruka kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ibiro vy’umuhuza MKAPA vyavuze ko hari inzitizi zituma ivyo biganiro bitabandanya neza, ariko izo nzitizi zikaba zitashizwe ahabona. Umuhuza yasavye ko vuba hokorana inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira batange ivyiyumviro vy’icokorwa.

Tubamenyeshe kandi ko umuhuza yipfuza ko mu kwezi kwa Ruheshi (Juin) uwu mwaka w’2017, umwumvikano woba wamaze gushikwako hagati y’impande zitavuga rumwe kuri poritike y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • AHUBWO,INAMA,NTISIBE,UGONURWITWAZO,IGIHUGU,KIMWE,NTIGISHOBORA,GUHAGARIKA,IBIHUGU,BI5,ARIKIMWE?? ,

  • abarundi bose barunvikana abiyita abatavugarumwe na reta nabansi ba demokrasi aribo baniyombare nabandi

  • Nkurunziza Ntazokwitaba Yaco Mukekeranya Kuko Arazi Yuko Bohava Bamwaka Ubutegetsi Yivye Arafise Ubwoba Niyemere Kuko Niwe Yavyiteye

  • Nibabe baratenyenye,kugira 2020 ishike dusubire kwitera iteka mugutora uwo abarundi twifuza,nawe ntawundi ni ( IBUYE )rishigikira infuruka (sud,est,l’ouest,nord)z’uburundi,murambabarira ibuye nsinzi uko rivugwa mukinyamazuru icambu cakiranvu.nayo nyakwubahwa kuja hanze mumanama,nuko twebwe nyene abarundi tuzobanza kumuha uruhusha,mwibagiye kwari umusuku wacu,tutamuhaye uburenganzira ntaho azoja,tumurekuye naho tuzosigara kwi rondo mpaka agarutse,kandi ndazi neza ko tubishoboye.KIZIGENZA ramba uwukwanka akwandureko.

  • KOMERA MUTAMA UWUKWANKA AKWANDUREKO IYOMBWA KAGOME MUZOHURIREYO KUKO URI IGIHANGANGE CINTWARI UMUGABO WA BAGABO URAGENDA MUTAMA TUZORABE UWUGUFATA ISI YOCA YUBAMA ,SI KAGOME ,SI MAGUFURI ,SI MUSEVENI SI KINYATA ABO BOSE NA BANA BAWE IMBERE YAWE WEWE WI HORERE GUSA UFISE INGABO ZI KWIYE (MILLITAIRES INTERNATIONAL AU MONDE REKE KUMUFYINAKO UYU NI MUTAMA.)

  • Jew’ubwanje Mbonako Iryosango Nubwo Ryokwegeyo Ritorenzwa Muruku Kwakanenyene Baribateguye Kuburyo Hogera Muri Rusama Abarundi Twamenye Ikijimbere Ntitwame Hahandi Kuko Bisanuko Umenga Abeshi Tuvyitezemwo Intambwe Igihugu Kizotera Nacane Cane Nkumukuru W’igihugu Hamwe Yogirakigoro Akahagera Maze Natwe Akagaruka Atuzaniye Ijambo Ry’ihumure.Murakoze

  • Mbe birirwa basaba kuyegeza inyuma kuberiki kandi uwomugabo yihagiye ubutegetsi kunguvu asigaye ari gatinyashengero atacubahuka kuja aho abandi bakuru bibihugu bemewe bakoraniye!!!

  • Iciyumviro kirarashe, ariko hamwe boba bavyumvikanye bagahindura iryo sango vyoba vyiza. Niho nyenichubahiro yoshobora kubonana nabandi banyenichubahiro akabanjinjibura.

  • Noneho azova mububunyegero!!! Noneko isi yamusize azobona ico avuga? Canke azobaje muri stage!!!!????

  • Ryicanyoko.Ugikoze Avoka

  • MbegaDarnumuhutu wintagondwa warakaye!!! Jyenda wa mahero we pumbavu

  • mbe uyo gatinyashengero asivya iyo nama nkande, turabizi ntashobora kunyeguruka ngo ashike aho abandi bakuru b’ibihugu bari, muri make ntashobora kuyijamo nagume y’inyegeje mu mwobo nk’isiha, ntaco akimaze muri ikigihe, n’iterambere azoja kuzana, nakomeze n’imigambi ye mibisha hamwe na zanterahamwe ziwe. ohhhhhh vive president...........
    NB: ICIYUMVIRO CANJE MUKIREKE KIRENGANE

  • Aha muri Africa dusigaranye ibihangange bibiri vyanka agasuzuguro kabazungo abo nabo ni banyenicubahiro Robert MUGABE hamwe na muganziwe PETER NKURUNZIZA mbere Peter n’ intwari y’a Africain yose Hama kagime nawe nagende guse amazirantoki y’ababirigi

  • Aha muri Africa dusigaranye ibihangange bibiri vyanka agasuzuguro kabazungo abo nabo ni banyenicubahiro Robert MUGABE hamwe na muganziwe PETER NKURUNZIZA mbere Peter n’ intwari y’a Africain yose Hama kagime nawe nagende guse amazirantoki y’ababirigi

  • Uwiyise mbonimpa nikizongwe, ubwo c shahu nkurumbi kure ajyajya nihe? ava mu cyumba ajya kuri toilette nio muri douche ubundi akabayoborera kuri fone wari wabona asohoka? abababababaaaaaaaaa, sha muribigoryi rwose. murikoma urwanda c twabagize iki kweli? ingabo mufite c nizihe ko mbona zirirwa zicana mwe mukigendera kumoko abahutu bamaze abatutsi, sha zamaze gucikamo ibice none ngo mufite abasirikare, ikigoryi gusa. nubundi nubwo inama yaba kwitariki mwisabiye nubundi ntiyenda kuva mu gihugu wagirango ni maiti. puuu mwiza rya yesu atoke.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.