IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwashikirije Ban Ki-Moon ikete ry’ukuva muri Sentare mpuzamakungu (...)

Uburundi bwashikirije Ban Ki-Moon ikete ry’ukuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha

vendredi 28 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Uburundi bwashikirije icese ku munyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon, ikete ry’ukuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Uburundi bumenyesha ko ata gusubira inyuma mu ngingo yafashwe y’ukuva muri iyo Sentare.

Abaharanira agateka ka zina muntu ku rwego rw’isi bamenyesha ko ingingo yafashwe n’Uburundi izogira ingaruka zikomeye cane ku basinzikajwe n’ivyaha bikomeye, hamwe n’abahohotewe. Abo baharanira agateka ka zina muntu bakavuga ko iyo ngingo y’Uburundi ishobora kuba ifatiye ku vyagiriji bihari, ku mabi abandanya gukorwa mu gihugu, kuva aho umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyeshereje ko azokwitoza mu kiringo kigira gatatu kinyuranye n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, nk’uko bishikirizwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Iryo kete ry’ukuva muri ONU ryashikirijwe mu gihe Uburundi hamwe n’ibindi bihugu bimaze kumenyesha ko vyikuye muri Sentare mpuzamkungu mpanavyaha, vyasabwe kwemera ibiganiro vyoshika ku mwumvikano w’ingene Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yokora ishimisha bose, utunenge twagirizwa iyo Sentare tugakosorwa.

Umukuru w’urunani rw’ibihugu vyemeje amasezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yibutsa ibihugu vy’Uburundi na Afrika y’epfo biheruka kwikura muri iyo Sentare, ko ivyo vyasabwe bizomara umwaka wose, akavuga ico kiringo c’umwaka ariko karyo keza kuri ivyo bihugu, ko kwumviriza ivyipfuzo vy’ivyo bihugu, hamwe n’ivyatumye iyo ngingo ifatwa, ariko ivyo bihugu bigasabwa kwemera kuja mu biganiro na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Sidiki Kaba, umushikiranganji w’ubutungane bwa Sénégal, akaba kandi n’umukuru w’urunani rw’ibihugu vyemeje amasezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ashikiriza ko ubutungane mpuzamakungu bukenewe cane, ivyo akabivuga yisunze ivyaha amenyesha ko bisigaye bikorwa abantu barorera.

Ibihugu vyamaze kumenyesha ko vyikuye muri iyo Sentare, hamwe n’ibitegekanya gufata iyo ngingo, bihamagarirwa guha amahirwe ibiganiro, kugira inama y’abakuru b’ibihugu vyemeje amasezerano ashiraho iyo Sentare itegekanijwe kuva kuwa 16 gushika kuwa 25 Munyonyo i La Haye, izokorere ku bizoba vyasabwe n’ivyo bihugu bizokwitaba ibiganiro.


IGIHE

Messages

  • neza cane nakarengo umugabo yihindukiza mukirago ntiyihindukiza mwijambo

  • Aho urabeshe yamaze kuryihindukizamwo kuko yivuguruje muvyo wenyene yahora yisabira gusa sentare mpuza makungu niba yiyemera koko kwariyukuri idakoreshwa canke Ngo iterwe ubwoba nirungike vuba nabwango imitahe yo kutamuri yompi abobicanyi kuko sagaseseshwa rumuri ntibikirivyo amatohoza kuko ubwicanyi muburundi bwarabaye kandi nubu burabandanya icibagiwe co nihohotera ryakiremwa muntu

  • wewenyene wiyita tari genduzane iyomitahe ufate abushaka gufata ureke abahamagariyurwaruka mwibarabara! mwebwe iyireta muburundi nokwisi muyitiki? ubuhonyene iryasentare yabazungu kuri africa yifitiyibibazo vyugusambukakwayo ningene yogaruricizere cibihugu birikobirayivamwo nawe ngwimitahe? ntanibiganiro dukeneye nayo.nikosore hamatuzoyitura kuko yariyohanyivyaha ntiyarikwiye kubigikoresho kunyungu zabamwe.

  • Ugushigikira umwicanyi ntafatwe nuko nawe uba waraseshe canke ugisesa amaraso,kuko ntakuntu mbona woshigikira umwicanyi,urucira mukaso rugatwara nyoko uzobibona uriko uhamba abawe,ndiko mbwira Jonas

  • Ntekereza ko intwari z,Africa zari zifite intego nziza yo guca bagashaka buhake burundi.None dore igihe kiri kugenda kigera,bayobozi bibihugu by,Africa mubanze mushishoze neza icyo Rumumba yazize,navuba aha kadaffi.Ariko Mana Africa abazungu batuziza iki?icyo nisabira abanyafurika nibashyire hamwe.bite kuri democratie ibindi bizaza.

  • Ntekereza ko intwari z,Africa zari zifite intego nziza yo guca bagashaka buhake burundi.None dore igihe kiri kugenda kigera,bayobozi bibihugu by,Africa mubanze mushishoze neza icyo Rumumba yazize,navuba aha kadaffi.Ariko Mana Africa abazungu batuziza iki?icyo nisabira abanyafurika nibashyire hamwe.bite kuri democratie ibindi bizaza.

  • Ntekereza ko intwari z,Africa zari zifite intego nziza yo guca bagashaka buhake burundi.None dore igihe kiri kugenda kigera,bayobozi bibihugu by,Africa mubanze mushishoze neza icyo Rumumba yazize,navuba aha kadaffi.Ariko Mana Africa abazungu batuziza iki?icyo nisabira abanyafurika nibashyire hamwe.bite kuri democratie ibindi bizaza.

  • Murumva abobagateka kazinamuntu kobasubiriye kuvugako bagendera kubivuzwe nazantumva zabarundi zagumuka kugeza zishatse gutembagaza reta?
    Murumvise ngaha kobavuze ngwibintu bikomeje kubabibi mu Burundi!!!
    Murumvise ukuntu bakomeje gusubira bisubiriza gusuzugura abajejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ryuburundi bahejeje guca urubanza ko Nkurunziza yarifise uburenganzira bwokwitoza, cokimwe nasentare ya EAC.
    Abazungu barasuzugura Africa nabanyafrica bakarenza! Kuko iyodufashe icemezo ntagaciro babiha arikobo bafata ivyemezo vyogushigikira abubakana basangije ibitsina ntawusubizamwo ntanuwubabwira kobihenze .

  • Niyumvira ko ahubwo babicanyi ba herode bamushiriy amaket yo gusaba ikigongw ku mabi bagirizwa ark nayubusa ningombwa baj i laha ye kwishura amabi bakoz

  • emwe abazungubazogumana ijambo atigute? nkatwebwe abahinga basumba abandi!! dusanga na yesu yari umuzungu abirabure twagiriwe ubuntu ahonyoramuri egiputa ahandiho twari ubusa < 0 % > none twavyibagiye twatanguye kuduza amavya ngoturi kwije!

  • niyoguse claude

  • Umuryakibi ahunga atakimwirukanye,abobose bariko barahunga ibibi bakoreye abenigihugu.Ariko tuzoraba uburyo bazohunga urubanza rwi Mana, burya imisi yabo iraharuye bazogenda nkuko abandi bagiye aho tutazongera nukubibuka.

  • Barikukivi,
    Urateye isoni n’ikigongwe. Nimba wibaza ko abazungu bakurusha kuba umuntu iryo shano uryigumizemwo wewe nyene. Nimwe muriko mwica Afrika aho muzi ko umuzungu atabategetse ico mu kora ataco mumara, atabahaye ku minwe mwicwa n’ikigoyi. Uri muri abawe batunye i buraya barindiriye ko abazungu babashikiriza igihugu. Muragowe kabisa. Kure amaboko mu mpuzu mukore ahandiho murahona.Ubwirizwa kuba uri umututsi nibo ataco bazi kwimarira bamenyereye kurya bicaye, gutwara ari uko abazungu babahereje igihugu mu minwe. Nivyo vyabaye i Rwanda. Hanyuma mukagara ngo hari ico mu maze. Ico muzi ni kimwe gusa.
    Wumva uri un sous-homme ivyigumizemwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.