IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwashize umukono ku masezerano yo kwakira inama ya COMESA igira (...)

Uburundi bwashize umukono ku masezerano yo kwakira inama ya COMESA igira 19

vendredi 7 Mukakaro 2017

Igokorwa co gushira umukono kuri ayo masezerano cabaye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya7 Mukakaro 2017 mu nyubakwa z’ubushikiranganji bw’ubudandaji,amahinguriro n’ingenzi,imbere y’abarongozi mu bushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi.

Mw’ijambo ryiwe ahejeje gushira umukono kuri ayo masezerano,umushikiranganji w’ubudandaji,amahinguriro n’ingenzi Pelate NIYONKURU, yamenyesheje ko ayo masezerano afise akamaro kanini ku gihugu n’abarundi, kuko inama ibereye mu Burundi,igihugu kizohungukira amafaranga y’agaciro.

JPEG - 57.1 ko
Pelate NIYONKURU,Umushikiranganji w’ubudandaji

Pelate NIYONKURU,umushikiranganji w’ubudandaji,amahinguriro n’ingenzi yavuze ko ari n’iteka ku gihugu, kazoba kandi n’akaryo ku Burundi n’abarundi ku kurata ishusho nziza y’igihugu.

Yavuze ati :«Iyi nama ni igikorwa c’igihugu,ni ngirakamaro ku gihugu c’Uburundi n’abarundi bose muri rusangi. Igihugu kizokwinjiza amafaranga y’agaciro. Ni iteka ku gihugu, kandi tuzoronka akaryo ko kurata ishusho nziza y’igihugu

Mu bitegekanijwe kuba muri iyo nama ya COMESA harimwo,inama ihuza abashikiranganji b’ubudandaji bava mu bihugu bigize ishirahamwe COMESA,inama ihuza abarwizatunga bava mu bihugu vya COMESA,inama ihuza abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya COMESA,iana ihuza abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya COMESA, hamwe n’inama ihuza abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe COMESA.

Muri iyo nama kazoba ari n’akaryo ko kwemerera ibihugu vya Somaliya na Tuniziya kwinjira mw’ishirahamwe ry’isoko rusangi rihuza ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko n’ako ubumanuko ku mugabane wa Afrika.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.