IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bumenyesha isango ryo guterera (...)

Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bumenyesha isango ryo guterera amatora

jeudi 18 janvier 2018

Mu rwandiko rw’umushikiranganji rwo kumenyesha, umushikiranganji Felix MPOZERINIGA aramutswa ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, amenyesha ko ivyo bizokorwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko nshikiranganji rigenga uko intererano y’amatora ya 2020 itozwa.

Muri urwo rwandiko umushikiranganji Felix MPOZERINIGA yibutsa ko itegeko nshikiranganji nomero 530/540/1770 ryateweko umukono n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu igenekerezo rya 11 Kigarama 2017, ryerekana abaterera amatora ya 2020, muri abo hakaba harimwo abakozi ba Reta.

Iryo tegeko rigiye gushirwa mu ngiro kuva mu mpera z’ukwezi kwa mbere,ryerekana kandi umurwi wose igitigiri c’amafaranga uzotanga nk’intererano bivanye n’umushahara fatiro wawo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.