Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ata rusansuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ata rusansuma (...)

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ata rusansuma ruriko rurakorwa i Kiyenzi

vendredi 23 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Bamwe mu banyagihugu twashoboye kuganira bakozweko iyo rusansuma, bamenyesha ko urwaruka bita imbonerakure ruca mu mihana rubaza ibibazo bitandukanye, babifashijwemwo n’abajejwe intwaro bo ku mutumba cane cane ba nyumbakumi, nk’uko vyemezwa n’abo banyagihugu.

"Iyo rusansuma igizwe n’ifishi imwe ku rugo, hejuru ku mutwe hakiyandika ko nyumbakumi, hagakurikira umukuru w’urugo n’abana biwe bose bafise imyaka yo gutora kandi biyandikishije mu bazotora mu matora yimirije kuba mu kwezi kwa gatanu yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro.", uwo ni umwe mu bagizweko rusansuma, ariko atashimye ko amazina yiwe avugwa, ku mvo z’umutekano wiwe.

JPEG - 93.8 ko
Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

Nk’uko bibandanya bivugwa n’abo banyagihugu, iyo fishi urayuzuza ukavuga ko uri umunywanyi wa CNDD FDD canke utariwe, bahejeje kukwandika bagaca bagutwara agapapuro k’itora baguhaye umusi wiyandikwa kugira ngo uze witabe amatora. Abatwara ako gapapuro babwira mweneko ko bagatwaye mw’ikomine.

Mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Gitega kuri uwu wa gatanu, Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ayo makuru ari ikinyoma cambaye ubusa.

"Ivyo vyose ni ikinyoma cambaye ubusa. Nta rusansuma mu gihugu c’Uburundi ruriko ruraba. Ni amarementanya."

Therence NTAHIRAJA avuga ko n’ayo makuru y’uko abo bantu batwara udupapuro tw’itora atariyo.

"Biragoye kumenya ico umuntu azotora, ntivyanditse mu ruhanga. Umwe wese niyaja kwiherera agatora, atari Imana yo mw’ijuru yonyene ishobora kubimenya, nta muntu ashobora kubimenya."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.