IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwatanguye gucandaga ibitungwa bito (...)

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwatanguye gucandaga ibitungwa bito bito

lundi 9 avril 2018

Isekeza ryo gucandaga ibitungwa bito bito babikingira akaranda ryatanguriye mu ntara ya Gitega, imwe mu ntara zitatu z’igihugu, zasinzikajwe n’ikiza c’akaranda k’ibitungwa bito bito.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018, umushikiranganji Deo Guide RUREMA, amenyesha ko imbere yo gutanguza iryo sekeza bakoze ibikorwa vyo kurondera uburyo, kandi bwabonetse ku rugero rwiza.

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA avuga ko mu nteguro y’ubushikiranganji bategura gukoresha imiriyaridi zitatu, ariko baronse ayarenga ayo, akaba mbere ayazosigara azoca akoreshwa mu kwunganira abanyagihugu bo mu ntara zasinzikaye.

Ati :« Twari twateguye imiriyaridi zitatu zizokoreshwa mu gucanca ibitungwa bito bito, ariko twaronse ayarenze ayo. Mu mafaranga azosigara tuzoca tugarukana ibitungwa bito bito mu ntara zasinzikaye. »

Ikiza c’akaranda k’impene catanguye kwibonekeza mu ntara za Gitega, Kirundo na Mwaro, ariko mu nyuma gihava gitandukira intara za Muramvya, Kayanza n’izindi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.