Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikiringo co guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoka rwongerejwe
Ikiringo co guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoka rwongerejwe
mardi 16 Rusama 2017
Nk’uko biri mw’itegeko ryateweko umukono n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Rusama 2017, ikiringo ku bahinduza impusha zo kugendesha imodoka congerejwe gushika kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro, umwaka wa 2017.
Muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’umutekano, ubushikiranganji bumenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro umwaka wa 2017, abafise impusha zo kugendesha imodoka zikozwe mu buhinga bwa none aribo barekuriwe kugendesha imiduga canke amapikipiki.
- Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano
Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha kandi ko kuva kuri iryo genekerezo rya mbere Mukakaro, uwuzofatwa ariko atwara imodoka afise uruhusha rwo kugendesha imodokwa rwa kera, azohabwa ibihano harimwo kurihishwa ihadabu, gufatirwa imodoka hamwe n’uruhusha rwo kugendesha imodoka.
Mu kurangiza, ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko inyuma y’igenekerezo rya 31 Myandagaro umwaka wa 2017, uwuzogomba guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoza azorihishwa amafaranga y’aho yacerewe, ayo nayo akazokwumvikanwako n’ubushikiranganji bw’umutekano buri kumwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta.