IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikiringo co guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoka rwongerejwe

Ikiringo co guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoka rwongerejwe

mardi 16 Rusama 2017

Nk’uko biri mw’itegeko ryateweko umukono n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Rusama 2017, ikiringo ku bahinduza impusha zo kugendesha imodoka congerejwe gushika kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro, umwaka wa 2017.

Muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’umutekano, ubushikiranganji bumenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro umwaka wa 2017, abafise impusha zo kugendesha imodoka zikozwe mu buhinga bwa none aribo barekuriwe kugendesha imiduga canke amapikipiki.

JPEG - 65.3 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha kandi ko kuva kuri iryo genekerezo rya mbere Mukakaro, uwuzofatwa ariko atwara imodoka afise uruhusha rwo kugendesha imodokwa rwa kera, azohabwa ibihano harimwo kurihishwa ihadabu, gufatirwa imodoka hamwe n’uruhusha rwo kugendesha imodoka.

Mu kurangiza, ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko inyuma y’igenekerezo rya 31 Myandagaro umwaka wa 2017, uwuzogomba guhinduza uruhusha rwo kugendesha imodoza azorihishwa amafaranga y’aho yacerewe, ayo nayo akazokwumvikanwako n’ubushikiranganji bw’umutekano buri kumwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.