IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bwahagaritse ingingo yo gutanga (...)

Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bwahagaritse ingingo yo gutanga imparati ndangakinga

jeudi 5 Nzero 2017

Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bwahagaritse ingingo yari yafashwe n’amashirahamwe amwe yo gutanga imparati ndangakinga ku bunguruza abantu bakoresheje amakinga Taxis-velos canke abigenga.

Nkuko bimenyeshwa n’umushikiranganji wo gutwara ibintu n’abantu Jean Bosco Ntunzwenimana,iyo ngigno yari yafashwe hataye ukwumvikana hagati yabo vyega bose, hasanzwe harimwo n’ubushikiranganji arongoye ari nabwo bujejwe ico gisata.

Jean Bosco Ntunzwenimana yavuze ko iyo ngingo yo kugurisha izo mparati yari yafashwe batavuganye n’ubushikiranganji arongoye.

Ku ruhande rw’abagendesha amakinga yunguruza abantu barashima iyo ngigno, ariko bakibaza igituma ifashwe kandi hari amafaranga atari make bamaze gutanga bagura izo mparati. Basaba ko boshumbushwa ivyabo kandi ingingo nkizo iyo zifashwe bigakorwa mu muco.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.