IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushimwe bwateguwe ku bazorusha abandi mw’ihiganwa "Pedal for (...)

Ubushimwe bwateguwe ku bazorusha abandi mw’ihiganwa "Pedal for Peace"

vendredi 17 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe Afrika Mashariki Fest bavuga ko iryo higanwa rizobera mu gihugu cose ryatunganijwe mu ntumbero yo kwerekana ko mu Burundi hari amahoro, kwereka akarere ka Afrika y’Ubuseruko, n’amakungu ko igisagara ca Bujumbura kiri mu mahoro kandi n’izindi ntara z’igihugu nazo ziri mu mahoro. Nk’uko bivugwa na Kisembo Ronex, abazoba bitavye iryo higanwa bazosiga bateye ibiti mu ntara zose bazocamwo, Adolphe RUKENKANYA yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama akavuga ko uwo ari umugambi mwiza w’ugukingira ibidukikije.

« Iryo higanwa twaritunganije kugira tumenyeshe abanyagihugu ibibera hanze y’igisagara ca Bujumbura, tuvuge kandi amahoro, iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, tuvuge kandi ubumwe. Tuvuge kandi ko mu Burundi amahoro atari agaseseshwa rumuri. », uko niko Kisembo Ronex Tendo arongoye Afrika Mashariki Fest avuga, akamenyesha ko iryo higanwa rizoba mu kiringo c’iminsi itanu, ni ukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 15 Kigarama 2017.

JPEG - 146 ko
Kisembo Ronex Tendo arongoye Afrika Mashariki Fest

Abahiganwa bazogenda ibirometero 527, bakaba bagizwe n’abahiganwa babigize umwuga (Les Professionnels) bagera kuri 30, abahiganwa binezereza (Les Amateurs) canke bamwe bakora umwuga w’ukwunguruza abantu ku makinga (Taxi Velos) bagera kuri 50, hamwe n’abanyecubahiro bazoba bari muri iryo higanwa (VIP), aho twobabwira nka Adolphe RUKENKANYA yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, yashikirije kuri uwu wa gatanu ko azokwitaba iryo higanwa, mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe Afrika Mashariki Fest.

Ihiganwa rizotangurira i Ngozi risozererwe i Gitega

Abazokwitaba iryo higanwa ku makinga bazorushana mu mice itanu, ku minsi itanu nyene iryo higanwa rizomara, aho hose rikazokwama ritangura isaha zibiri z’agatondo. Ihiganwa rizotangurira mu ntara ya Ngozi, risozererwe mu ntara ya Gitega, nk’uko abariteguye babimenyesha, mbere bakaba bavuga n’amabarabara bazocamwo muri iyo minsi yose.

Ku munsi wa mbere, bazofata ibarabara Ngozi - Bujumbura, ibirometero 125

Umunsi wa kabiri, abahiganwa bazofata ibarabara Bujumbura - Nyanza-Lac, ibirometero 123

Ku munsi wa gatatu, bazofata ibarabara Nyanza-Lac - Bukirasazi (Gitega), ibirometero 125

Umunsi wa kane, bazofata ibarabara Bukirasazi - Cankuzo, ibirometero 101

Ku munsi wa nyuma w’ihiganwa, bazofata ibarabara Karusi - Gitega, ibirometero 53

JPEG - 152.9 ko
Bamwe mu bitavye ikiganiro catunganijwe n’ishirahamwe Afrika Mashariki Fest

Ubushimwe buzotangwa mu mafaranga y’amarundi

Kuri iyo minsi yose y’ihiganwa, uwa mbere azohabwa ibahasha y’ibihumbi amajana abiri y’amarundi (200.000 Frs Bu), uwa kabiri ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000 Frs Bu), uwa gatatu ibihumbi ijana (100.000 Frs Bu), uwa kane ibihumbi mirongo indwi na bitanu (75.000 Frs), uwa gatanu nawe ibihumbi mirongo itanu (50.000 Frs Bu).

Ku munsi wa nyuma w’ihiganwa, ubundi bushimwe buzohabwa batatu ba mbere bazoba bagize umwanya mwiza kurusha abandi mw’ihiganwa ku minsi yose, uwa mbere akazohabwa ikinga, ibahasha y’amafaranga ibihumbi amajana atatu y’amarundi (300.000 Frs Bu), hamwe n’umudari w’inzahabu. Uwa kabiri azohabwa ikinga, ibahasha y’amafaranga ibihumbi ijana (200.000 Frs Bu), hamwe n’umudari wa "Argent". Uwa gatatu nawe azohabwa nawe nyene ikinga, amafaranga ibihumbi ijana (100.000 Frs Bu) hamwe n’umudari wa "Bronze".

Abakeneye kwiyandikisha basabwe kubikora baciye kuri EcoCash y’ishirahamwe Econet Leo risanzwe riri mu batanze uburyo bw’ugutunganya iryo higanwa. Inomero barungikako amafaranga y’ukwiyandikisha ni 79 52 78 24. Ibiciro ni ibi bikurikira. Abahiganwa babigize umwuga (Les Professionnels) ni ibihumbi 20 vy’amarundi (20.000 Frs Bu), abahiganwa binezereza (Les Amateurs) ni ibihumbi bibiri (2000 Frs Bu), nayo abahiganwa b’abanyecubahiro (VIP) ni ibihumbi ijana (100.000 Frs Bu).

JPEG - 150.3 ko
Bamwe mu bamenyeshamakuru bari mu kiganiro ca Afrika Mashariki Fest

Ihiganwa ry’ugusiganwa ku makinga mu gihugu cose c’Uburundi rizoba ribaye irya mbere, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE yari mu kiganiro catunganijwe kuri uwu wa gatanu n’ishirahamwe Afrika Mashariki Fest yamenyesheje ko ingingo zose zafashwe kugira umutekano w’abazoba bariko barahiganwa uzobe ucungerewe ku rugero rukwiye. Ibihugu bitandatu nivyo vyatumiwe : Rwanda, RDC, Uganda, Tanzaniya, Kenya, hamwe n’Uburundi buzokwakira iryo higanwa rizotangura kuva kw’igenekerezo rya 11 Kigarama gushika kurya 15 Kigarama 2017.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Turabashimiye kuri ico gikorwa co gutanguza TOUR DU BURUNDI ariko mutegure abakinyi neza kuko abo bazohura bazoba bakomeye mutange courage kuri ba Obed,MUBEMBE,J.marie,.....kugira ivyo bibanza 3 bazobemwo

    Mugubwe neza mugire n’iterambere mu mukino w’amakinga ndetse n’amahoro mu Burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.