IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Udutabu tw’ukubikuza amafaranga (chéquiers) twa magendu twafashwe

Udutabu tw’ukubikuza amafaranga (chéquiers) twa magendu twafashwe

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Utwo dutabu twa magendu twafashwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo, muri zone ya Rohero, kw’ibarabara bita "Ku Nkiko".

Mu giporisi bavuga ko utwo dutabu twatowe aho duteretswe, ariko uwatuhashize akaba atamenyekanye.

Nk’uko mu giporisi babandanya babimenyesha, udutabu (chéquiers) twafashwe ni 148 twa ECOBANK, 7 twa CRDB, 31 twa BGF, 155 twa BANCOBU, 181 twa BCB hamwe na 16 twa KCB.

Utwo dutabu dufashwe inyuma y’aho ibanki y’ubudandaji BCB (Banque Commerciale de Burundi) iherutse gufatira ingingo ko ata muntu n’umwe azosubira kuronswa amafaranga akoresheje "Chèque" yahawe n’uwundi muntu. Abarekuriwe kubikuza amafaranga akaba ari bene ububiko gusa (Titulaire), iyo ngingo ikazohinduka igihe kitamenyeshejwe, ariko kizoshikirizwa n’iyo banki nyene.

Nk’uko tubikura mu rwandiko rwasohowe na Reverien NTIBARAKE ajejwe kumenyesha amakuru mw’ibanki BCB, iyo ngingo yafashwe bitewe n’ubusuma (Braquage) bwakozwe ku modoka yariko yunguruza ama "Chequiers" ya BCB n’ay’izindi banki.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.