IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe PPD-Girijambo umenyesha ko utazokwitaba ubutumire bw’umuhuza

Umugambwe PPD-Girijambo umenyesha ko utazokwitaba ubutumire bw’umuhuza

dimanche 15 Nzero 2017

Umugambwe PPD-Girijambo uri mu runani CNARED umenyesha ko utazokwitaba ubutumire bw’umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa.

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono na Leonidas HATUNGIMANA arongoye umugambwe PPD-Girijambo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Nzero 2017,uwo mugambwe umenyesha ko ushigikiye urunani CNARED mu kwanka umuhuza Benjamin Mkapa.

Uwo mugambwe umenyesha ariko ko wizeye ibiganiro bihagarikiwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko vyitabwe n’abegwa n’ikibazo c’Uburundi bose.

Umugambwe PPD-Girijambo umenyesha ko wari witeze ko umuhuza asohora itangazo rikosora amajambo yashikirije inyuma y’urugendo yagize mu Burundi kw’igenekerezo rya 9 Kigarama 2016,nkuko vyari vyemejwe n’intumwa ziwe zabnanye n’abagize urunani CNARED.

Muri iryo tangazo,Umugambwe PPD-Girijambo umenyesha koabatumiwe ku giti cabo bakaba baremeye ko bazokwitaba,ata yindi ntumbero bafise atari ugucanishamwo abatavuga rumwe na Reta,no gushigikira Reta.

Mu kurangiza, umugambwe PPD-Girijambo umenyesha k witeguye kwitaba ibiganiro bihuza abarundi bose,ugasaba abarundi kwigumya muri iki gihe igihugu kiriko gica mu bibazo bitoroshe


IGIHE

Messages

  • mbe hatungimana watumiwe nande mubiganiro? maramarira kumusozi, umugambwe wawe ntiwatumiwe kuko ntiwemewe namategeko kuko ugizwe nabahemukeyi abarundi. abo bazungu barabahenzesha!! ubu mwiraramiye mububirigi mwirira inkoko namafiriti nimivinyu hama ngo muranse ibiganiri!! mwembwe abarundi baramaze kubahinyura muri bansumirinda bampema yuzuye babarya babo....koma shetani....

  • Mbega kwiyenera weeeee!
    Icokintuyise PPD uwomubaza ubutumire yahawe rwanditseko ico PPD yobwerekana!?
    Ico ngoni PPD na Sinahead ntabutumire bifise, nakare Sinahead nigishirahanwe caba birigi kandi icicaro caryo kirimu Bubiligi nitwatangura ibiganiro vyokuganira nababiligi kugira tureberehamwe icatumye badukorera amabi yurudahera nababiligi bagahitamwo kuzobabarikumwe nico gishirahamwe cabo ngo Sinahead tuzovyumvikana tureberehamwe kobishoboka.
    Uburero turimubiyago babarundi gusa ntabashirahamwe yaba Biligi arimwo.

  • Cenard Ko Imigambwe Yariyigize Nka Frodebu Yikuriyemwo Akarenge Ubu Iroca Yitwa Ngwiki ? Tubona Ko Izoca Yitwa Pasfic Sinduhije Kagame .Niko Ugo Runi Rusigaye Gwita !

  • Cenard Ko Imigambwe Yariyigize Nka Frodebu Yikuriyemwo Akarenge Ubu Iroca Yitwa Ngwiki ? Tubona Ko Izoca Yitwa Pasfic Sinduhije Kagame .Niko Ugo Runi Rusigaye Gwita !

  • Uyu mugabo aho siwe wenyine muri uyu mugambwe wiwe. Mugabo ngo niwe Perezida,secretaire ngo kandi ninawe mubitsi. Yarangiza akararika umutwe ngo umugambwe !!! Iyo ni politique yinda dore ko ariyo politique ya CNAREC.....

  • Umugambwe Wa 3 Urateza Akajagari?Mbega Muntara Zigize Uburundi Arafise Abawuhagarariye?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.