IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhanuzi adasanzwe wa ONU yasubiriye kugabisha ku kibazo c’Uburundi

Umuhanuzi adasanzwe wa ONU yasubiriye kugabisha ku kibazo c’Uburundi

mercredi 8 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Adama Dieng, umuhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe gukinga ihonyabwoko yasubiriye kugabisha ku bugizi bwa nabi bw’ikivunga bushobora kuba mu Burundi, mu gihe atacokorwa.

Mw’ikete aheruka kwandikira abagize inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Adama Dieng yasavye ko ingingo zofatwa ku Burundi, ibara ritararwa.

Kubw’uwo muhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umutekano, amahoro hamwe n’ugusubiza hamwe kw’abarundi vyarasubiriye inyuma, akavuga ko ibimenyetso bihari vyerekana ko mu Burundi hashobora kuba ubugizi bwa nabi bw’ikivunga (Violences de masse). Muri ivyo bimenyetso, Adama Dieng avuga ibiganiro bihuza Abarundi Reta ititaba, kuba Uburundi bwarikuye muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, amajambo hamwe n’imvugo z’ugucanishamwo zishikirizwa na bamwe mu bategetsi b’Uburundi.

JPEG - 173.4 ko
Adama Dieng, umuhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe gukinga ihonyabwoko

Adama Dieng amenyesha kandi ko amakenga yiwe afatiye ku ngingo Reta y’Uburundi iheruka gufata y’ugushiraho umurwi ujejwe guhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, aho bikaboneka ko Uburundi bushaka gukuraho ibiringo bibiri vy’umukuru w’igihugu, kugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ashobore kubandanya gutwara. Kubwa Adama Dieng, ukwo kwongereza ibiringo vy’umukuru w’igihugu kuzozana ingaruka mbi, kuko n’ubundi indyane Uburundi burimwo ari iz’ikiringo vy’umukuru w’igihugu.

Adama Dieng yasavye abagize inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko bofata ingingo zikomeye ku Burundi.

Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko amahoro n’umutekano bisasagaye mu Burundi, igihugu nyabagendwa.


IGIHE

Messages

  • kubita iyo n’umusazi. mwovyanka mwovyemera UBURUNDI bwarikukiye. teshwute ivyo nivyo mwifpuriza abarundi ariko imana irimwijuru.

  • kubita uyo n’umusazi. mwovyanka mwovyemera UBURUNDI bwarikukiye. teshwute ivyo nivyo mwifpuriza abarundi ariko imana irimwijuru.

  • ivy biravugw ark ababijejw ntac bakor nimucez wandan.

  • Ndibaza yuko Adamaa Dieng ariwe ariko ategura ubwicanyi buzoba mu Burundi. Kuko invugo yiwe irimwo amakenga

  • ONI,NISHAKE,IREKENAMAJAMBO,KUVA,AHOO,MWAKAVUGIYE,NTATSO,MUREREKA,ABARUNDI

  • ONI,NISHAKE,IREKENAMAJAMBO,KUVA,AHOO,MWAKAVUGIYE,NTATSO,MUREREKA,ABARUNDI

  • Ahubwo Uwo Ntazi Nomuburundi!, Ahant Amahoro Tuyisasir Nihoyiyumvir Ibintu Nkivy! Sha Ahubwo Arabanzabaz Nukur!; Naho Bayamaze Ngo Umutwumwe Ntiwigirinam, Ahubwo Umwenge W’inzu Umenywa Nuwuyibamwo Nibarek Kwihenda

  • Mureke ABARUNDI.twes iyotuva tukagera dufatane munda nkabavukana.twige gusangira kandi twubahane umuto numukuru.twirinde abaducani shamwo. kwtwa UMURUNDI nizinarikomey kwis rero mureke dutahe mugihugu cacu twemera ntagihugu ciza nkicaw je ndabizi abantu nibagateranya bareke kubabesh muze dukore ivyacu abandi ntituzosange baradusize.

  • Ibi bigabo by’ibinyafurika iyo bibonye akazi muri ONU babitegeka kuvuga ibyo ibihuga by’i Burayi n’amerika bashaka. Dore nkicyi kigabo kiratinyuka ngo muburundi hazaba ihonyabwoko kubera bwavuye muri CPI. Abanyafurika twarangizango abazungu baraturyamira kandi bakoresha bene wacu nabo bakemera . Muri Africa dufite imbwa nyinshi zahindutse ibikoresho by’abazungu( Kagame,Museveni,Sinduhije,Minani Jean,.....)

  • Adama dieng n’ababirigi, nibatuveko,twironker’a mahoro.

  • Adama dieng n’ababirigi, nibatuveko,twironker’a mahoro.

  • Jewe ndumwana mutoya ariko ndababazwa na banyeporitike bampema zuzuye aho guteza agateka ibihugu vyzbo ari kubituka gusa nokubisabira ibihano ariko Jean minani Pangarasi Nyangoma Rajabu kubita agatima mpembero mumenye iyo mwavuye murène gutabagura igihugu ariko ntasoni taha mwubake igihugu none imyaka mwamaze murwana ntiyarikwiye komuruhuka nimuhindure murakuze.Cangwa murabe abahutu ingene banigishwa imigozi 1972 muramenya ingene Kabira vyagenze baramufashije gufata igihugu ariko murabona kobamuhindutse bakamwica namwe ha muzobibona.

  • Ivyo umuhanuzi mukuru wa ONU ya shikirije nivyukuri, amakungu adahugurutse ngaha muburundi hazosigara umunyota, kuko ibimenyetso biravyerekana koharibiriko birategurwa na Reta bijanye nubwicanyi, bushobora kuzohitana amasinzi namasinzi ya bantu gusumba unomusi. Nayivyiterabwoba bikorwa na Reta birabandanya, kubasazwe batari muri CNDD FDD barabangamiwe bimwe bikomeye. Kubwivyo amakungu atahangurutse kukibazo cu Burundi azoza kuyora yasheshe.

  • Izombundege za ba DD zirahumba ibisaka vyimbwa bigiye kubahirako! Mbe Nkurumbi yoshaka ikiringo ciki ko atarukwishisha abantu inzara, kubagandagura, kubafata kunguvu, kwuzuza umwanda mu Gisagara ahenda abantu ngw’arasenga none Imana yamuvumye ashaka iki!!! Arahumba intahe izomwokera naho yahisemwo kwama mu kinyegero nk’ibihere kumurango!!! Dieng told the truth by keeping warning the UN about that Genocide! Uwo yiyita Wakera nawe he better keep his mouth shut !

  • Buryuwomugabo Ntabisazi Arwaye???

  • Adama Dieng ni umusazi mumutwe ntakomeye abarundi turazi kandi turiyizi abatera ibibazo abonabo turazi ko bazoteba bagatekereza kunguvu canke kuneza. harikera aho abarundi bahendwa muburyo nkubwo

  • @Wakera mwe muri interahamwe kandi mwatsinzwe izuba riva haba mu Rwanda ndetse na Zaïre none mutangiye no gukokereza I Burundi. Mwatsinzwe kubera kunywa amaraso yinzirakarengane . Murabeshya muzayoboka ku neza cg kungufu. Kko ntawumena amaraso ngo bimugwe neza muzapfa mwangara mwa ntera mwe.

  • Nukuri uri I mvuga kuri ONU irakwiye kuva mu majambo ig a tabara abarundi ataraho nkurunziza nakarwi kiwe baraba honya ntagisivya

  • Adama Dieng komera mutama,bandanya mudufyondera ibi binywamaraso vy’ibi DD,kubita imbunuza

  • Uyumugabo ivyavuga iyaba atari muri democracy yarikwiye gufatwa agahanirwa ivyobinyoma ariko aravuga canke agahamagarwanubutungabe bukamubaza kuko birashoboka ashobora kubari muribamwe bakorana nivyihebe akaba afise umupango wokubirungika gukorera amabi mu Burundi.
    Kumufatarero vyogira ikimazi ariko kubera abahambaye mwinosi aribo bategura amabi akorerwa mwiyisi raba ukuntu yidegevya! Arikosha murihenda tuzibakubita intambarayisi ishaka izoce itangura kuko twaripanzebikwiye nincuti cuburundi.

  • yaba iyi leta ya nkurunziza yaba aba batayirimwo ntawomenya abashakira ukuri uburundi:ewe leta y’uburundi!ewe mwebwe mutavuga rumwe na yo! ico nobabwira nuko mwokorosha imitima.mukavavanura nicitwurwanko kuk n’abahanuz barabivuze bati"udakunda umuntu abona ntiyokwibesha ngwarakund imana,kubera uwudakund uwabona yokund uwatabona?"kandi abo bose ntibasiba mu masinagoga no mumisigiti.mwumvir’ Imana yabahaye ubwo bukuru nay’ubundi kuri "wa musi"tuzobona ukuri.

  • yaba iyi leta ya nkurunziza yaba aba batayirimwo ntawomenya abashakira ukuri uburundi:ewe leta y’uburundi!ewe mwebwe mutavuga rumwe na yo! ico nobabwira nuko mwokorosha imitima.mukavavanura nicitwurwanko kuk n’abahanuz barabivuze bati"udakunda umuntu abona ntiyokwibesha ngwarakund imana,kubera uwudakund uwabona yokund uwatabona?"kandi abo bose ntibasiba mu masinagoga no mumisigiti.mwumvir’ Imana yabahaye ubwo bukuru nay’ubundi kuri "wa musi"tuzobona ukuri.

  • @proud to be Rwandan. Njye Wakera ndi mujeri yo muri CNARED none wanyenzi we nawe uca unyita Interahamwe. Twe abarundi ntiturico kimwe ni inkoramaraso yanyu KAGAME. Twe muri CNARED turikwije.

  • Wakera uri amabyi vusa

  • Adama Dieng si umuhanuzi ni umucuzi yo muri Senegal kandi abazi SN abacuzi n’abagriots bagira isano. Akabaye icwende mwese muziko katoga niyo koze ntigashira umunuko. Nta agakiza namba ashobora kuzana mu Burundi ni umucanshuro nk’abandi bose babeshyako bakorera ONU kandi bakorera Kagame na Museveni !!!! ONU nayo irabahemba kandi izi nezako ibyo bavuga ari amagambo batamitswe !!!!

  • Komera Dieng
    Ivy,uburundi Mbona Bigoye
    Ariko Ntabidahinduka.Reka
    Twizere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.