IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenguzamateka Evelyne BUTOYI yandikiye umuhuza Benjamin Mkapa

Umukenguzamateka Evelyne BUTOYI yandikiye umuhuza Benjamin Mkapa

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Umukenguzamateka yatowe mu mugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura, Evelyne BUTOYI yandikiye umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin William Mkapa mu ntumbero yo gushira ahabona uko abona ibiganiro bihuza abarundi bibera i Arusha,mu gihugu ca Tanzaniya.

Muri iryo kete riri ku mpapuro zibiri yanditse kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, umukenguzamateka Evelyne BUTOYI amenyesha umuhuza Benjamin Mkapa ko naho yitanga kugira igikorwa ariko arakora gishike ku mwimbu mwiza , ariko hari ivyo yoberako magabo kuko mu biganiro biheruka yatumiye abantu bari inyuma y’ihungabanywa ry’umutekano mu gihugu.

Muri iryo kete,umukenguzamateka Evelyne BUTOYI amenyesha ko nk’uwatowe n’abanyagihugu kandi yubaha intwaro rusangi adashigikiye ko abagirizwa guhungabanya umutekano bahabwa ikigongwe c’agateganyo canke ngo hashingwe Reta nfatakibanza nkuko bitanguye kuvugwa,inyuma y’ibiganiro vyabaye kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma.

Evelyne BUTOYI amenyesha ko intambara abarundi barwana ubu ari intambara y’ubukene ,bakarwana kandi nabo bose badashaka kwemera ko abarundi bafise ubwigenge.Avuga ko inzego zose na Reta ihari kandi yubahirije ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Umukenguzamateka Evelyne BUTOYI amenyesha muri iryo kete ko kuvuga igikongwe c’agateganyo muri iki gihe bigarukana ugukomeza ukudahana mu gihugu , kandi abarundi bashaka ko amabi yama akurikira amatora kuva Uburundi bwikukiye atogaruka.

Mu kurangiza umukenguzamateka Evelyne BUTOYI asaba ko ibiganiro bibera i Arusha vyotahukanwa mu Burundi, gutyo abahunze igihugu ataco bagirizwa bagatahuka mu gihugu kugira bafashanye n’abandi kucubaka.


IGIHE

Messages

  • Gezaho siwe yandikiye umuhuza. Ahubwo yabaye igikoresho caba dd. Na aimé laurentine Kanyana barafise ukuntu bamugira ibikoresho. Ivyo ntibibasamaze

  • NTA BIGANIRO VYO MUBURUNDI ABANTU BAGUMA BAPHA! NA BUYOYA YAREMEYE NABANDI NI BEMERE !

  • Komera Mabuja urarivumereye ! Intumva zamaho kuva ba kera ! Bameze nka Manconco nawe nyene yari ntumva ? Mwibuke uko inanga ya Manconco ivuga ! Thanx alot

  • jew mbona ko ivyo avuga arivyo!abakoze ivyaha Bose bakeneye guhanwa kugira ntibize bisubire!ahasigay naho nibatahukane iburundi kuko bisesagura amatungo yigihugu,bopfuma barihira mukapa akaza ino!

  • Aba DD nibemere ibiganiro nababarwanya amahoro atahe. Muzokwemere ibizova mubiganiro nayo ahandi bishobora kuzobabera bibi ndagahanwa.
    Merci.

  • Nukuri uyumuvyeyi (umukenguzamateka) azuze ukuri nkuwusenga koko,
    Bariyabantu wanashaka bakeya bateguye gukubita coud e’ tat nabata bateguye guturira abantu , biciye biherera mukubahenera ibara rizobariguye canecane muri Afrika kuko amakudeta ntawuzoba agisubira kuyatinya kuyakora kukwazobazineza ko ayikoze igakunda azotwara igihugu idakunzenaho azovuga ngo nimungirire nkivyobagiriye abigeze gukora kudeta Burundi bikabananira.
    Ndaje umukenguzamateka Butoyi nbobakorana.

  • Vyagiye Kubona Mu Burundi Ko Kanse Nabagore Basigaye Bavugira Kwisunzu Ry’inzu!!!Karanse Ndabarahiye,emwe Nzozembona Ivyuburundi.

  • ndamushigikiye nibahane abakoze amabi mugihugu bahereye kuri nkuru nziza naba policie biwe

  • Reka mabuja guta umwanya wihogoza aho duhagaze twebwe abarundi turahazi ivyamajambo sivyo turimwo turindiriye uwuwucana nakare wanka intwaro ihari iyo wipfuza ikaza utakihari boshaka bobiheba kuko ntaco bizobafasha kiretse kubaheza gusa nigukwegera abandi ivyinguvu vyo barabonye ko bidakunda ngira ubu basigaye gukura impuzu biruke.ubwo buhera bwa babuyoya bubahenda nizere ko bariko bihenda kuko inguvu zabanyagihugu ziri kwa nkurunziza nayo buyoya ntarukundo tumushakako nabo bafadikanije kuko tuzopfa tutibagiy ababujije abarundi isinzi kwiga amashure ntamugizi wa nabi nkuwukubujije kwiga!@@@

  • nsaka kumva amakuru yavuzwe kuyu22 2 2017

  • Alain Nyabenda, weho ur’igikoresho ca nde? Baseka batikwije yavyaye Ndabakwaje.

  • Erega hunvikana abafise ico bapfa.

  • Mbe uwo aserukira abrundi bahe?Bujumhura rural yaragowe. Ko ava mwijenda aserukira bande? Koniwabo ari aba Porona. Harya ashaka ko bamugira Ministre. Harya abahutu baragowe inkolo kazi zirabikabisake ziraho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.