Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenguzamateka mushasha w’intara ya Muramvya yimirije gutorwa
Umukenguzamateka mushasha w’intara ya Muramvya yimirije gutorwa
samedi 25 Ntwarante 2017, par
Abari mu manama mpanuzwajambo yose y’amakomine agize intara ya Muramvya bahamagariwe kuzoja gutora umukenguzamateka mushasha azosubirira Celestin NDAYIZEYE aheruka gushirwa muri Reta y’Uburundi, mu kibanza c’umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU aheruka kugandagurwa.
Mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI bamenyesha ko ayo matora azoba kw’igenekerezo rya 4 Rusama 2017, ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya.
Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI ashikiriza ko abipfuza kwitoza muri ico kibanza babandanya kwakirwa, kuva kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017.
Uwo murwi ukaba uzobandanya kwakira abo bashaka kwitoza, gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2017.
IGIHE
Messages
25 Ntwarante 2017, 12:06, par SEBASTIEN
NAGIRA AZOTOGWA NA LETA? CANKE BIYAMAMAZE BUMVE UWUZOKORERA ABENE GIHUGU NEZA!
25 Ntwarante 2017, 22:08, par Wakera
Uwo mu DD Ndayicariye aho adusamaza ntaziko aho uwuzotorwa amuzi! Shame on him