IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenguzamateka mushasha wa Bujumbura Mairie yatowe

Umukenguzamateka mushasha wa Bujumbura Mairie yatowe

mardi 7 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri ayo matora yari ahagarariwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI : Commission Electorale Nationale Independante), uwitoza yari umwe wo mu mugambwe CNDD FDD. Abatoye ni abagize inama mpanuzwajambo y’ama komine atatu ari mu gisagara ca Bujumbura, ariko bo mu mugambwe CNDD FDD, UPRONA hamwe n’abigenga Amizero y’Abarundi. Abatoye bose hamwe ni abantu 47.

Norbert BIKORIMANA wo mu bwoko bw’Abahutu yari yatanze n’umugambwe CNDD FDD kugira awuserukire muri ayo matora niwe yatowe n’abantu 42 kuri 47 batoye.

Inyuma y’ugutsindira ico kibanza c’umushingamateka, ku bice majwi 97 kw’ijana, Norbert BIKORIMANA yamenyesheje ko ari umunezero kuri we, agashimira umugambwe CNDD FDD wamwizeye.

"Ni umunezero ntangere kubona ntowe. Ndashimira umugambwe CNDD FDD watwizigiye ukadushira imbere kugira tuwuserukire muri kino kibanza. Turashimira kandi n’abadutoye tukaba tubemerera ko tugiye kubaserukira nk’uko amategeko abiturekurira."

JPEG - 87.9 ko
Norbert BIKORIMANA, umuhutu wo mu mugambwe CNDD FDD yatowe ku bice 97,6 kw’ijana

Martin MBAZUMUTIMA yasubirijwe yari yatowe mu gisagara ca Bujumbura, ubu akaba yagenwe guserukira Uburundi mu gihugu c’Ubushinwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.