IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’Inama Nshingamateka yarungitse ubutumwa bwo guhoza (...)

Umukuru w’Inama Nshingamateka yarungitse ubutumwa bwo guhoza abanyamisiri

jeudi 30 novembre 2017

Mw’ikete umukuru w’iana Nshingamateka Pascal NYABENDA yandikiye mugenzi we wa Misiri Ali Abdel Aal Sayed Ahmed kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Munyonyo 2017, amenyesha ko bakiranye umubabaro inkuru z’igitero cabaye ku bantu bariko barasenga mu sigiti.

Muri iryo kete,Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA amenyesha ko bateye ivyatsi ubwo bwicanyi, bahojeje imiryango yabuze kandi bifatanije umubabaro n’abanyagihugu, n’Inama Nshingamateka ya Misiri.

Umukuru w’Inama Nshingamateka asaba ko abakoze ubwo bwicanyi bw’ubwihevyi bamenyekana , bagashikanwa imbere y’ubutungane kandi bagahanwa hisunzwe amategeko y’igihugu ca Misiri.

JPEG - 42.6 ko
Pascal NYABENDA,Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi

Mu kurangiza umukuru w’Inama Nshingamateka amenyesha ko hageze ko abantu bose vavira hasi rimwe bakarwanya iterabwoba ryibonekeza mu gihugu ca Misiri no kw’isi hose, uko ryoza rimeze kwose.

Ico gitero cabaye kw’igenekerezo rya 24 Munyonyo 2017,gihitana abantu n’imiburiri 184 bitavye Imana n’abandi 125 bakomeretse, mu musigiti uri mu gace ka Sinayi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.