IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yakeje muba mbere Emmanuel Macron

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yakeje muba mbere Emmanuel Macron

lundi 8 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu butumwa yacishije ku rubuga ngurukanabumenyi "Twitter", umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko yakurikiranye ingene amatora y’umukuru w’igihugu yariko aragenda mu Bufaransa. Petero NKURUNZIZA muri ubwo butumwa yakeje Emmanuel Macron kuri iyo ntsinzi, avuga ko yari ayikwiriye.

Emmanuel Macron abaye umukuru w’igihugu agira umunani atwara Ubufaransa. Agiye gusubirira François Hollande yahora aramutswa ico gihugu. Mu matora yabaye kuri uwu w’Imana, Emmanuel Macron yariko ahiganwa na Marine Le Pen, uwo nawe akaba yemeye ko yarushijwe, akeza uwatsinze.

Abafaransa bitavye ayo matora ku bice 75,9 kw’ijana.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Turashimiye Umukuru W’igihugu Cacu Ko Wakurikiranye Amatora Yaraye Abaye Mubu France Akanakeza Uwaraye Atowe ,ni Akarorero Keza Abafaransa Berekana Ko Democrasi Yamaze Gutsimbatara Aho Babisikana Mumahoro,vyobera Akarorero Bino Bihugu Vyo Muri Afrika

  • DD na Peter Nkurunziza bazi gutanguranwa kandi bizwi ko ari ntakigenda,hemba abayaya naho gu felicita Trump na Macron ntaco bimariye Abarundi

  • Ivyo nuguta umutwe mbe uko kuba arukugira baze bamwibuke murayo mafuti yiwe eregabo barihaye ntiyibaze Ngo nibabashonji ahendesha umukate bakirirwa batikiza benewabo yarishimye Ngo trump aratsinze ngwagiye kumushigikira mugabo ngirango aramaze kwibonerako isinijuru ataho bihurira ahokuza yitanganiza Ngo nukukeza ahubwo ivyo bikwiye kumubera icirwa akabonako ingendo yahisemwo yokwigumiza kubutegetsi abanje guhotora ababumuhaye KO iyongendo yataye igihe no kubona ko ariteka rikomeye iyabantu babisikanije kubutegetsi mumahoro narabe ingene abandi batunganya amatoro neza ureke yankinamico yiwe

  • Isi Yose Igombibe Nshasha Amatora Arikwatsinda Abaperezida Bamezeneza Akorero Uwambere Ninyakubahwankurunziza Arongoye Uburundi Hamwe Nuwuheruka Gutsinda Muri Amerika Nuwo Wubufarasa

  • Kagame Atwarugwanda Ntatwaruburundi Kandi Ajahashaka

  • Afrika Yose Izibona Ingene Bategura Amatora!Abazungu Bazokwama Baturuta Gushikaryari?Mbe Perezida Wuburundi Ntacovyamubwiye?

  • Arababona amatora meza ukwameze atari yankinamico yiwe!!! Aho atanguranwa gukeza kugire arabe ko azomuha buruguri y’ukugaburira za nyaga z’imbonerakure, intershamwe na FDLR zituzura!!!! Birateye agahinda!!!

  • Ariko nkiyi mbwa yitwa WAKERA ntabwo ishobora gutanga ibitekerezo bizima
    Ikareka aya manyembwa !! Nukuri Nkurunziza Pierre aracyafite akazi gakomeye kubera mugihugu cye harimo ibishushumbwa nka Wakera.

  • TURASHIMYE NATWE AYOMATORA YAMAZINA NANJE NITWA MANWERI IMANA IBAJE IMBERE MUBIKOGWA MUGIYDMWO.

  • aje yabona ivyo avuga nimbwa ntiburumusi itorigufa none ivyo ntaco bitwaye kandi ntanagaciro vyohabwa kuko uyo siperezida numusuma wubutegetsi ivyo yabivuze nkumunyagihugu uwariwe wese nkuko nanje nobivuga araga puu

  • Mu Burundi abatipfuza ko ibintu bihinduka nibo barota ngo President Nkurunziza ntiyatsinze amatora!! None buyoya niwe yahora ayatsinda ko yabatwara kugikenye kandi mugateketeza( stupid)

  • Abakuru Bibihugu Vya Africa Barakwiye Kuza Barigira Kurabo Bakuru Bibihugu Bandi.Bakarekura Ubutegetsi,abandi Bagatwara,ntibarinde Kumena Amaraso Y,abantu Bataremye.Mugani Ugaca Wumva Bavuga Ngo Ntituzokirekura Ngo Caratuvunye!! Urumv,iyo Mvugo Yaba D.D. Kizobahanyura,cahanyuye Beshi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.