IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yagenye abagize umurwi wo gukinga no kurwanya (...)

Umukuru w’igihugu yagenye abagize umurwi wo gukinga no kurwanya ihonyabwoko

mercredi 3 janvier 2018

Jean de Dieu MUTABAZI yahora arongoye ikigo kijejwe guteza imbere igisata c’ikawa mu Burundi ARFIC, yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 29 Kigarama 2017.

Abandi bagize uwo murwi ni Joseph SINABWITEYE yagenywe kuba icegera c’umukuru warwo, hamwe na Emerance BUCUMI yagenywe kuba umunyamabanga mukuru w’urwego.

Ishirwaho ry’uwo murwi ryemejwe n’inama nkenguzamateka kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro 2017, mu nteguro y’itegeko yagiye gusigurwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE.

Umushikiranganji BARANDAGIYE yasiguye ko mu bikorwa vy’uwo murwi, harimwo ukwerekana ivyokorwa kugira ihonyabwoko ntirizobe mu Burundi, avuga kandi ko mu gihe vyokwemezwa ko iryo honyabwoko ryakozwe muri kahise, hazoshirwaho ingingo z’ukugarukira ku bakozweko n’ako kabi.

Yavuze kandi ko uwo murwi uzoterera ivyiyumviro kuri ivyo vyose, abawugize baheze berekane poritike irashe yerekana ingene ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara vyotuzwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Abategetsi muravuga mwihererezako kandi mwikebuka, ngo Umwera uturutse ibukuru, buca wakwiye igihugu cose. Vyose bituruka iBukuru, abanyapolitique bagasomoza Imikakangara y’Urwaruka ngo fata imiheto mugumuke, natwe nitwatsinda tuzobaha ibingana n’ubwoya bw’Inka, naho shwi !! nta nikamba-mbili baronka, mbere bamwe bahasiga ubuzima bwabo.
    Mushingantahe MUTABAZI, izina ryawe uraba Umutabazi abushitse abatanguye guturira iza Mabanda, Makamba, Nyanza lac en 1972, Ntega-Marangara, Bugarama na Busangana, i Kibimba, i Buta n’ahandi, barahenzwe n’abansumire Inda ntaco vyatugejejeko atari intimba n’agahinda.Avant 1972 hari abatwara mu moko yose, abarundi mu moko yose barahana abageni, iyo hataba izo mpururu ubu ntawuba akivuga ngo hutu-tutsi, turi abarundi twese. MUTABAZI, bonne chance, que Dieu guide tes décisions.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.