IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’umurwi CNIDH asaba ubutungane kunyarutsa imanza

Umukuru w’umurwi CNIDH asaba ubutungane kunyarutsa imanza

samedi 11 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH usaba abo vyega bose, gushira inguvu hamwe kugira ikibazo c’ibikorwa bibangamira agateka ka zina muntu mu Burundi bitorerwe inyishu.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye umurwi CNIDH avuga ko kuba hari amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yahagaritswe, no kuba kandi hari amaradiyo yigenga ataratangura gukora,biri mu bisinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi.

Umukuru w’umurwi CNIDH amenyesha kandi ko mu gisata c’ubutungane hibonekeza ukwikwega mu guca imanza na cane cane mu zijanye n’indyane z’amatongo, bigatuma hari abihanira.

Naho umukuru w’umurwi CNIDH yemeza ko hari ibitagenda neza mu bijanye n’agateka ka zina muntu, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arashima ingingo y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu catumye hari abapfungwa barekurwa.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.