Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA apfungiwe i Uvira
Umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA apfungiwe i Uvira
vendredi 19 Rusama 2017, par
Antediteste NIRAGIRA yavuye muhira abwiye umuryango wiwe ko agiye ku kazi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho yari agiye kuvugana n’impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Lusenda.
Umuryango w’uwo mumenyeshamakuru uvuga ko waherutse kuvugana nawe akiri ku rubibe Uburundi buhana na Congo, ababwira ko agira yinjire ku butaka bw’ico gihugu. Kuva aho ntibasubiriye kuvugana.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, niho yashoboye kuvugana n’umuryango wiwe, ababwira ko yafashwe n’igendereza rya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akaba apfungiwe i Uvira.
Mu muryango w’uwo mumenyeshamakuru bamenyesha ko bataramenya icatumye ahagarikwa.
- Antediteste NIRAGIRA
Messages
19 Rusama 2017, 12:59, par Niyonzima Dieudonne
Jewe Mbona Boza Tukubaka Igihugu Cacu Kuko Niciza.Barakibamwo Mumahoro Ariko Bakabwira Abazungu Ko Batotezwa Kand Ayo Makuru Bayatang Biberey Muma Etage Yaha Ibujumbur Kugira Babahe Amahera Natwe Abanyagihug Batobato Tukicwa Ninzara Kubera ABo Banyamakuru Batanga Inkuru Zitarizo Abazungu Nabo Bakadufatira Ibihano Urumva Ko Nkuwo Mumenyeshamakuru Ibihano Ataco Bimubwiye!!! Je Nibaza Ko Atari Muburundi Atahand Bafata Abantu Hobaho!!! (ugaya Aho Uba Rikarenga Ariho Uri)ingo Tuvuge Neza Uburundi Bwacu.
20 Rusama 2017, 02:08, par Elias Mpozamarira
Uwomumenyesha makuru yi njiye kubutaka bwakongo abajejwe imbibe batamuhaye uburenganzira?, ahandi naho kubayarafashwe boba bamwiketse kwari zambonerakure zimaze imisi zinjira, murikongo, kugira zizogaruke ziyitirira kwaraba Efunere ba Rwasa bateye igihugu!, nabwarirementanya ryateguwe na reta.
umuryango nawo wiwe niwihangane ni yaba atabindi vyari bimutwaye Imana izomurekuza.