IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunyamideri Cynthia Munwangari yavuye mw’ibohero

Umunyamideri Cynthia Munwangari yavuye mw’ibohero

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyamideri w’umurundikazi, Cynthia Munwangari yahora apfungiwe rikuru rya Luzira mu gihugu ca Uganda kuva kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2016 yarekuwe.

Yagirizwa ko ari mu bagandaguye uwitwa Kenneth Akena, akaba yafatiwe hamwe n’abavukanyi babiri, Matthew Kanyamunyu (umukunzi wiwe) na Joseph Kanyamunyu avukana n’uwo wa kabiri.

JPEG - 36.1 ko
Cynthia Munwangari

Cynthia Munwangari n’umukunzi wiwe Joseph Kanyamunyu barekuwe babanje gutanga ingwati y’amafaranga agera ku miriyoni 50 z’ama shillings yo muri Uganda, ariko uwo wundi Matthew agumizwa mw’ibohero.

Abo babiri barekuwe bakazotegerezwa kuza baritaba ubutungane uko indwi zibiri ziheze.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.