IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurundi agira kabiri yirukanwe na Amerika

Umurundi agira kabiri yirukanwe na Amerika

mardi 17 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko Fatu NONGA Jocelyne yagirizwa ubusuma, akaba aza gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ine z’umurango (13h40), amasaha y’i Bujumbura.

Mu kiringo kidakwira ukwezi, Fatu NONGA Jocelyne abaye umurundi agira kabiri yirukanwe na Amerika, uwaheruka kwirukanwa akaba ari Clement NKURUNZIZA ubu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi yagirizwa ko yagize uruhara mu bwianyi bwabaye kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.

Clement NKURUNZIZA niwe yari arongoye abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi igihe ubwo bwicanyi buba.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.