IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI watanguye kwakira abiyandikisha kwiyamamariza amatora (...)

Umurwi CENI watanguye kwakira abiyandikisha kwiyamamariza amatora y’ibwirizwa nshingiro

vendredi 23 mars 2018

Umukuru w’umurwi CENI Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha ko abaja mu gikorwa co kwiyamamaza bagenda kuko babishatse, ariko babanje kwiyandikisha mu murwi CENI.

Pierre Claver NDAYICARIYE avuga ko abanyamigambwe, inani canke abigenga bamaze kwiyandikisha mu murwi CENI, uwo murwi uzoca ugira urutonde bagire icegeranyo bereke abajejewe intwaro abazoja kwiyamamaza.

Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi wigenga utegura amatora CENI, yasiguye igituma hakorwa urwo rutonde rushikirizwa abajejwe intwaro.

JPEG - 37.8 ko
Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI

« Tuzogira urutonde, tugire icegeranyo twereke abajejewe intwaro tuti aba nibo bazoja kwiyamamaza. Ntawuja kwiyamamaza atiyandikishije, canke afise uruhusha rw’ikibanza azoja kwiyamamarizamwo. »

Umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel GASHATSI, yagiye kwandikisha umugambwe kugira uzokwitabe ibikorwa vyo kwiyamamariza amatora y’ibwirizwa nshingiro, yamenyesheje ko umugambwe UPRONA waje kwiyandikisha, kugira wereke abadasigana, ubwire abarundi n’amakungu ko uzokwitaba amatora y’ibwirizwa nshingiro hamwe n’ayandi azokurikira muri 2020.

Abel GASHATSI yavuze ko, kuba umugambwe wagiye kwiyandikisha ari ibintu bisanzwe kuko no muri kahise witavye amatora, arico gituma n’ubu babaye mu ba mbere bagiye kwiyandikisha.

JPEG - 32 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA

Ku kibazo co kumenya aho umugambwe UPRONA uhagaze ku bijanye no kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, umukuru w’umugambwe UPRONA yavuze ko, ico kibazo cigirwa mu nzego zirongoye umugambwe, ko rero bamaze kuvugana, akandi igihe kigeze bazovuga aho bahagaze.

Umugambwe UPRONA, ubaye uwa gatatu wiyandikishije, inyuma y’imigambwe, MSP Inkinzo na APDR, yiyandikishije mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018.

Igikorwa co kwiyandikisha kugira bitabe ibikorwa vyo kwiyamamariza amatora y’ibwirizwa nshingiro kizohera kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza, nayo amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.