Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CVR uhanzwe n’ibibazo vy’amafaranga y’ugukora
Umurwi CVR uhanzwe n’ibibazo vy’amafaranga y’ugukora
jeudi 23 Ruhuhuma 2017, par
Umurwi CVR (Commission Vérité et Réconciliation) ujejwe kuvugana ukuri n’ukunywanisha Abarundi umenyesha ko ukeneye amafaranga arenga imiriyoni 34 z’amanyaburaya (Hafi imiriyaridi ijana z’amarundi) kugira ushobore kurangura neza ibikorwa washinzwe mu gihugu cose.
Mu murwi CVR bavuga ko bagifise ibibazo vy’uburyo kugira ushobore kurangura neza igikorwa washinzwe. Ayo mafaranga akenewe na CVR akaba ari ayajanye n’ibikorwa vya minsi yose vy’uwo murwi, hamwe n’ayo gushumbusha abakozweko n’amahano yashikiye Uburundi muri kahise.
Abakozi ba CVR bakora ku bushake (Volontaires)
Uwo murwi uvuga ko ugiye gushiraho abazowufasha mu mitumba hamwe n’intara zigize igihugu c’Uburundi. Abo bazofasha uo murwi CVR bazoba ari abakora ku bushake (Volontaires). Abo bantu bazoba bajejwe kwakira abashaka gushikiriza ivyo bazi ku vyabaye mu Burundi muri kahise, nk’uko vyavuzwe kuri uwu wa kane, na Musenyeri Jean Louis NAHIMANA.
- Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi CVR
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Musenyeri Jean Louis NAHIMANA umukuru w’umurwi CVR yamenyesheje ko no ku mitumba ya rusansuma bazoronderayo abandi bantu bafasha umurwi CVR.
"Twigiriye inama y’ugushiraho abantu batwunganira (les points focaux), tukongera tukarondera dufatiye ku mitumba ya rusansuma abantu babiri babiri botwunganira muri ico gikorwa, bashize imbere umutima w’ukwitanga."
IGIHE
Messages
23 Ruhuhuma 2017, 13:54, par Bonava Ganwa
Ivyo Ntavyuzoshobora Nyakubahwa Igihugu Kidatonganutse!!
24 Ruhuhuma 2017, 05:47, par mzoyihera intagoheka
Ntimukayaronka kuko ntavyokurekuriranira biriho, nigene abarundi baheze bichwa, niyi reta ya nkurunziza petero. Kuko dukeneye nkurunziza azokubitwi ntahe mumutwe kumabi arikwarakorwa abenigihugu.
24 Ruhuhuma 2017, 10:13, par Nukuri
Nyakubahwa; reka guta umwanya: igihe co kuvugana ukuri ku bwicanyi bwabaye mu Burundi ntikiragera kuko ubwo bwicanyi nyene buracabandanya.
25 Ruhuhuma 2017, 06:58, par Cobla Rouge
DD iraguhitana Muta, sezera akazi,atari uko uricwa
25 Ruhuhuma 2017, 16:55, par haburanimana gerard
Ntiharagera ko CVR ikora kuko bamwe mubishe abantu muri kahise n’ubu barko babandanya kwica n’abandi .
Mbe hoho uwo mugwi wumva woshika kuki kandi washinzwe n’uruhande rumwe muzakoze ubwo bwicanyi ?
Ibuka abo biyitirira ubutegetsi bakiri muki rebelle ingene bamaze abantu i, Bugendana,i Buta , Ruyigi,...