IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CVR watanguye kwakira imiryango y’ababuriwe irengero hamwe (...)

Umurwi CVR watanguye kwakira imiryango y’ababuriwe irengero hamwe n’abahohotewe

samedi 10 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri hamwe n’ukunywanisha Abarundi, CVR (Commission Vérité Réconciliation) waratanguye kuva mu ntango z’uku kwezi kw’icenda, ibikorwa vy’ukwakira ibirego vy’abantu bahohotewe, canke imiryango w’ababuriwe irengero. Uwo murwi ukaba kandi waratanguye kwumviriza abafise ivyo bazi ku mabi yakozwe mu Burundi.

Abakirwa n’uwo murwi akaba ariko ari abarabwa n’amabi yabaye kuva kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 1962 umunsi Uburundi bwikukira, gushika kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2008, umunsi haterwa umukono ku masezerano y’uguhagarika intambara yari hagati y’igisirikare c’Uburundi hamwe n’imirwi yari yafashe ibirwanisho vy’ukurwanya ubutegetsi.

Mu murwi CVR bamenyesha ko ingingo zose zafashwe kugira umutekano w’abitura uwo murwi wubahirizwe, n’ivyo bazoba bashikirije bigume mw’ibanga.

JPEG - 105 ko
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi CVR

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bipfuza kwitura uwo murwi babwiwe ko bokwegera icicaro gikuru ca CVR kiri i Bujumbura muri karitiye ya Kabondo, kw’ibarabara ryitiriwe uwa 13 Gitugutu, kw’inomero 16, aho akaba ari ku minsi yose y’akazi, kuva isaha zibiri z’agatondo, gushika isaha indwi. Muri uwo murwi bakamenyesha mw’itangazo basohoye ko abanyagihugu bo mu gihugu hagati nabo bazobwirwa hanyuma isango bahawe.

Umurwi CVR urongowe na Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, ukaba ugizwe n’abantu cumi n’umwe. Ishirwaho ry’uwo murwi ryumvikanweko n’abanyeporitike bari i Arusha mu mwaka w’2000 mu biganiro vy’amahoro barimwo, aho basavye ko amabi yakorewe Abarundi yomenyekana, ukuri kukaja ahabona. Abo bagize uwo murwi batanguye icese ayo mabanga kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2014.

Mu gihe abagize uwo murwi bazokwiga amabi yabaye kuva mu mwaka w’1962 gushika mu 2008, abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike babonamwo amakenga. Ku bwabo, ntivyumvikana ingene uwo murwi wogarukiriza mu mwaka w’2008 kandi n’inyuma y’aho amabi yabandanije gukorwa.


IGIHE

Messages

  • Ego muzoja kubaza na banyagihugu bomugihugu hagati, nayotwebwe turimubihugubitandukanye bizogendagute kotutumvise ukomuzodushikira?

  • none aba babariko baricwa bobo sabantu? uwo murwi ntaco uzoshika ko mugihe ibiriko biraba bazoba babirengege ko uruho rwa maso ,mbega abazokwagirwa nicaha bizo gendagute? bazo ca bahabwa cakigogwe cikivunga numva ? mbega mugihe uwiciwe adashaka gutanga iki gongwe ntazoba arenganijwe?

  • Ayo Mashirahamwe Avugako Adaharanira Ivyicaro Vya Polithique,mu Burundi Arahari?Uwo Mugwi Wavuye Mu Biganiro Vya Arusha Nimba Bashaka Ibindi Biganiro Nibafatinkoho Bagwane Hagaruke Ibindi Ariko Ibiganiro Vyabishakirama Letat Mfatakibanza Turabiyamye Caane Bateshwe Bate NKURUNZIZA TWARAMUTOYE NABUNDI TUZOMWONGERA.

  • Ayo Mashirahamwe Avugako Adaharanira Ivyicaro Vya Polithique,mu Burundi Arahari?Uwo Mugwi Wavuye Mu Biganiro Vya Arusha Nimba Bashaka Ibindi Biganiro Nibafatinkoho Bagwane Hagaruke Ibindi Ariko Ibiganiro Vyabishakirama Letat Mfatakibanza Turabiyamye Caane Bateshwe Bate NKURUNZIZA TWARAMUTOYE NABUNDI TUZOMWONGERA.

  • CVR iriko irikorigita igaseka

  • Mw’Aba DD mwe HE Kagame yatanze ubutumwa bubareba, harya ngo muzamumesa?umurongo ntarengwa murawuzi,nimuwurenge se tubarangize, proud to be Rwandan

  • Uyo musenyer nyagusenyagurik iramumanga,ntanakimw azokora yisunz amategek.kirets ivy azoba tegetsw nuwamuhay akaz,naw akab ar rusiferi nkurunzz na famille nyamitw.

  • Abanyurujwe bazira mandat ya 3 canke abishwe na agathon rwasa Mu gatumba bo bazotunganirizwa ryari?nta mwana n ikinono

  • Uwuvuze ngo Rwasa Agathon , ngoyarishe abantu mu Gatumba numubeshi kuko iyaba atarumubeshi abayavuze ati: Rwasa yarishe abantu 69,72,88,93,94

  • agaton rwasa natabwe muri yombi kuko amaraso y impunzi zari mu gatumba azomusema. mbega hoho ninde uzomuhana ko uwomuhanye nawe yagirizwa ubwicanyi>?!!!!!

  • Nikuk’uwo Murwi Wogarukiriza Kumwaka W 2008 Inyuma Yaho Ubukozibwikibi Bwarahagaz Birimwo Ipfungu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.