IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ujejwe gukinga ihonyabwoko usaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza ku (...)

Umurwi ujejwe gukinga ihonyabwoko usaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda

lundi 14 mai 2018

Mw’itangazo yashize ahabona kur’uno wa mbere igenekerezo rya 14 Rusama 2018, Inama y’igihugu ijejwe gukinga n’ukurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha biturutse ku ntambara n’ibindi vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu imenyesha ko yakiranye umubabaro ubwicanyi bwabereye mu ntara ya Cibitoke bugahitana abantu 26 abandi indwi bagakomereka.

Muri iryo tangazo, Inama y’igihugu ijejwe gukinga n’ukurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha biturutse ku ntambara n’ibindi vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu, isaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza ku rwego rw’igihugu n’akarere, kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane, bashikanwe imbere y’ubutungane.

Inama y’igihugu ijejwe gukinga n’ukurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha biturutse ku ntambara n’ibindi vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu, isaba abanyeporitike mu butandukane bwabo, gukora batekanye, bafatanye mu nda, mu mahoro , kugira ntibagwe mu mutego w’umwansi.

Mu kurangiza, Inama y’igihugu ijejwe gukinga n’ukurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha biturutse ku ntambara n’ibindi vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu, isaba inzego z’umutekano gufata ingingo zose zishoboka kugira ubwicanyi nk’ubwo ntibusubire kwibonekeza.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.