IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi w’abashingamateka batohoza ivyagirizwa Uburundi washizweho

Umurwi w’abashingamateka batohoza ivyagirizwa Uburundi washizweho

vendredi 1er Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo murwi w’abashingamateka 12 b’Uburundi (Commission Spéciale de Vérification du Rapport de la Commission d’Enquete sur le Burundi) wahawe igikorwa c’ugusuzuma ko mu cegeranyo ca ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi harimwo ukuri, bige igituma impunzi z’Abarundi ziri zidahunguka. Inzego za Reta y’Uburundi, inzego z’abigenga hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu basabwa kworohereza abagize uwo murwi, abo nabo bagashobora gusaba ubufasha bw’umuhinga, yaba uwo mu gihugu c’Uburundi canke uwuvuye hanze mu gihe vyokenerwa.

Uwo murwi ufise ikiringo c’amezi atatu, ugashobora kwongerwa mu gihe wobisaba inama nshingamateka, imbere y’uko ikiringo cawo gihera. Icegeranyo c’ivyo uwo murwi uzoba washitseko kizoshikirizwa inama nshingamateka isanzwe ari nayo yashizeho uwo murwi ugizwe n’abashingamateka 6 ba CNDD FDD, bane bo mu runani rw’Abigenga Mizero y’Abarundi, umwe wo mu mugambwe UPRONA hamwe n’umwe wo mu bwoko bw’Abatwa.

Amazina y’abagize uwo murwi

NZIGAMASABO Reverien, CNDD FDD
NTIRANDEKURA Gaudence, AMIZERO
SUKUNOBA Vincent, Twa
MUHUNGU Jean Bosco, CNDD FDD
NIMENYA Gloriose, UPRONA
NTAKIYIRUTA Obed, AMIZERO
SINZINKAYO Jean Pierre, CNDD FDD
Asha Khalfan, AMIZERO
COYITUNGIYE Claver, AMIZERO
NDUWIMANA Deogratias, CNDD FDD
HABONIMANA Odette, CNDD FDD
BARANYIZIGIYE Jacqueline, CND FDD


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.