Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Umurwi wa mbere w’abagirizwa kuzokoresha inkoho mu matora wafashwe
Yanditswe taliki ya 19-04-2018 - isaha 13:29' na Egide NDUWIMANA

Uwo murwi wa mbere w’abantu bagirizwa ko bariko bategura guhungabanya amatora bakoresheje inkoho, nk’uko vyemezwa n’igiporisi, wafashwe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018, mw’isakwa ryabaye ku mitumba ya Nyabunyegeri na Rubirizi, muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura benshi bita « Bujumbura rural »

Muri iryo sakwa, umwe muri munani bafashwe, azwi kw’izina rya BUCUMI Jean niwe yatanguye gufatwa n’izo nkoho, mu matohoza yakozwe kuri we, akaba ariho abo bandi bafashwe.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwo murwi wafatanwe ibirwanisho bicira umuriro.

« Bafatanwe ibirwanisho bigizwe n’inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnikov hamwe n’ibikono vy’amasasu. Bagirizwa ko bafise intumbero y’uguhungabanya amatora yimirije y’ibwirizwa shingiro bakoresheje ibirwanisho. Nibo ba mbere tubonye. »

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko inyuma y’abo bafashwe, hariho abakironderwa, kandi ko bafise amakuru ko hariho n’inkoho zitafashwe zikiriko ziraronderwa.

Abo bantu bafashwe mu gihe hari amakuru abandanya kuvugwa y’imirwi yoba iriko yitegurira gutera Uburundi. Mu giporisi bamenyesha ko atawovuga ubu ko abo bafashwe bafitaniye isano n’ayo makuru, kuko amatohoza ataravyerekana. Petero NKURIKIYE avuga ariko ko mu bushikiranganji bw’umutekano bazi ko hari abanyeporitike bamaze gushikiriza ko bazodurumbanya amatora yimirije.

« Isano kugira turivuge n’uko amatohoza aba yaheze yose. Ariko mwese mwariyumviye ko hariho abavuze ko biteguriye kurwanya amatora, mbere bakoresheje ibirwanisho. Amatohoza ntiturayaheza kugira tumenye neza ko ari bariya canke abandi. Mu matohoza barababaza neza intumbero bari bafise, bagaheza bakababaza neza ibirwanisho aho babikuye, n’ingene bokoze mu guhungabanya ayo matora. »

Uwo murwi wa mbere w’abagirizwa ko bariko bategura gukoresha inkoho mu guhungabanya amatora uje ukurikira abari baragerageje nabo nyene guhungabanya amatora imbere y’abo, mu giporisi bakavuga ko ab’ubwa mbere bari babikoze mu kwandika nabi abazokwitaba ayo matora, canke mu kwigisha abantu kutazoyitaba

Mu giporisi c’Uburundi bagabisha abandi bose bafise iyo ntumbero y’uguhungabanya amatora y’ibwirizwa shingiro ko batazobihanganira, kandi ko n’ingingo z’ugukomeza umutekano imbere no mu matora nyezina zafashwe.

Ivyiyumviro vyanyu

Uworukarisha Rwomumwa Nibarye Bike Baryeme Kare

barabesha Umukuru w’igihugu yarabivuze ko bazoshira nk’ifu y’imijira,nukuri abaciyumvira ko bazodurumbanya I gihugu c’uburundi,ndabarahiye;nibateshwe bate ubu natwe twaraciye ubwenge imisi ba sesa nkuyoze baducuritse irakwiye!

22.04.2018 à 13:20
iris

Andika hano,uwuzorukarisha,ruzomumwa

21.04.2018 à 17:10
Didas

Nukuri abarundi twessehamwe turakwiye,kureba, iyotwavuye nahotugeze, ubu duhagurukirerimwe,twubake, igihugucacu, cuburundi turekekugitabagura,

21.04.2018 à 08:05
assan bikorimana

NUKO TWESE TWOKWITABIRA KWUMVA UWO MUGAMBI WARETA KUKO WASEGUTORO BURACA UMWE WANKA GUTORO AKAGUTWARA TWESE TUMVIRE HASI RIMWE TUJE GUSHIGIRA UMUGAMBI WACU KUKO NUTATUGANYA AHO URI UBWAWE NTAWOHANZE AZOZA GUHAGUTUGANIRIZA

20.04.2018 à 22:39
JANVIER

UWUTAZI IYOTWAVUYE NTAMENYA N’IYOTUGEZE CARATUVUNYE.NIBACIRE BIRARURA UBWOBUGABO BUBURA GUFATISUKA BUKARIMA NGOBUGOMBA GUHUNGABANYA CARAFASHWE TURURE.KOMERA KUMUHETO MUTAMA

19.04.2018 à 23:13
NETSORI

iyo bijya gucika murata gukunda igihugu reka muzamarane mwicana kubera inda nini aho kubaha inkweto mwabahaye imbunda reka bazazibicishe

19.04.2018 à 20:38
lg

NUKURI NDASAVYE UWUSHONJE YIHANGANE GUFITIKIGWANISHO UBA WIHAYURUPFU RETA NIYIGISHABANTU BIRINDE KUKO UBU UMUHUTU AKUNDA LETA KAND UWUNDI MUHUTU ARANKA LETA NABATUTSI NIKOBARI URUNVA UWO MUSANGIYUBWOKO YASE KUHUNGABANYA UMUTEKANO ARAKUREGA PE NIBABIHEBE KUDURUMBANYA

19.04.2018 à 18:39
NIYUNGEKO ALEX

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.